HOSPITALITE Home » Israel - Hamas: Ibibombe biriko biracucagirwa kuri Gaza biri ‘ku rugero tutari bwigere tubona’

Israel - Hamas: Ibibombe biriko biracucagirwa kuri Gaza biri ‘ku rugero tutari bwigere tubona’

Spread the love
5/5 - (1 vote)

Umunyamakuru wa BBC , URTV ikesha aya makuru ari mu gisagara ca Khan Younis muri Gaza, Rushdi Abualouf, avuga ko uburaruko bwa Gaza bwatewe ibibombe ku rugero “tutari bwigere tubona”.

Imbeya z’umuriro mwinshi cane zashobora kuboneka mu kirere – ibi bikaboneka ko Israel yariko ikoresha ubwoko butandukanye bw’amabombe.

Avuga ko ari ubwoba hose, no um gisagara ca Khan Younis, aho amabombe atari menshi, um gihe abanyagihugu bariko bagerageza guhamagara incuti zabo mu tundi turere kugira bumve ko ari bazima, ariko amaterefone yacitse. Avuga ko ari akajagari gusa.

Israel yakoresheje indege z’intambara zababa 100 mu gutera ibibanza 150 vyo mu kuzimu vya Hamas muri Gaza

Mu gihe isugerejwe n’abayinegura ku rwego mpuzamakungu bafise impungenge ku bitero vy’ibibombe urutavanako muri Gaza, Israel yongereje akariro.

Igisirikare ca Israel kivuga ko, muri rimwe mu majoro yaranzwe n’ibitero vya bombe bikomeye cane gushika ubu, cakubise ibibanza 150 vyo mu kuzimu mu buraruko bwa Gaza, harimwo ico cita “imyobo y’iterabwoba, ibibanza vy’intambara vyo mu kuzimu hamwe n’ibindi bibanza”.

Jenerali de Brigade Gilad Keinan arongoye igisata c’igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere avuga ko “indege z’intambara zababa ijana” zakoreshejwe mu bitero vyo mu kirere vyasambuye ibi bibanza vya Hamas bishika 150.

Israel ivuga kandi ko intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru ya Hamas – izwi kw’izina rya Asem Abu Rakaba – yishwe.

Ivuga ko yari afise uruhara rutaziguye ku bushobozi bwo kurwanira mu kirere bwa Hamas, harimwo za ndege zitagira abadereva hamwe na twa tudege dutoduto dukoresha imitaka (parapentes/ paragliders) twakoreshejwe mu bitero vyo ku wa 07 Gitugutu (10) cahitanye abantu 1400 muri Israel.

Igisirikare ca Israel canditse ubutumwa kuri X yahoze izwi nka Twitter, kiti: “Muri iri joro, indege z’intambara za IDF [igisirikare ca Israel] zakubise Asem Abu Rakaba, umukuru w’igisata ca Hamas kirwanira mu kirere.

“Abu Rakaba yari ajejwe indege zitagira abadereva za Hamas, amadrone, utudege dukoresha imitaka, kwivuna no kuneka ibitero vyo mu kirere.

“Yaragize uruhara mu gutegura ubwicanyi bwo ku wa 07 Gitugutu yongera akomanda abakoze ibitero vy’iterabwoba binjiye muri Israel bakoresheje utudege dukoresha imitaka, kandi ni we yatguye ibitero vy’amadrone ku birindiro vya IDF”.

Ntivyoroshe kumenya neza ibiriko bibera muri Gaza kubera ubuhinga bwo gutumatumanako bwononekanye ariko ijoro ryakeye ryaranzwe n’ibibombe biteye ubwoba.

Ibimaze kwononwa birarenze urugero mu turere tumwe tumwe mbere ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bw’intwaro ya Hamas buvuga ko igitigiri c’abamaze gupfa cageze ku 7000, abababa ica kabiri muri bo bakaba ari abana.

Abanegura Israel ku bitero vyayo vyo mu kirere babandanya biyongera, cane cane imiryango y’abantu 229 banyurujwe bakaba bakiri mu minwe ya Hamas muri Gaza.

Ariko reta ya Israel ntaco biyibwiye. Ijambo “agahengwe” ni nk’umugani, nk’uko abategetsi bo muri reta babivuga, bakavuga kandi ko Israel itazokwigera iruhuka idashitse ku ntego yayo yo gusenyura burundu Hamas.

Mu butumwa zacishije ku rubuga rwa X, ingabo za Israel zasubiyemwo Jenerali de Brigade Keinan avuga ati: “Intego y’ingabo zirwanira mu kirere iratomoye – gusambura ikintu ico ari co cose caciye mu minwe ya Hamas”.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading