HOSPITALITE Home » Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris

Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris

Spread the love
5/5 - (1 vote)

Inkofero yambawe n’umwami w’abami Napoléon Bonaparte igihe yatwara ingoma y’Ubufaransa mu kinjana ca 19 yagurishijwe imiriyoni 1.9 z’ama-euro mu camurana i Paris mu Bufaransa.

Ayo uyashize mu mafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi 5,8.

Iyo nkofero yahabwa agaciro kari hagati y’ama Euro-600.000 na 800.000.

Umuntu yayiguze ntarimenyekanisha.

Abize akahise bavuga ko iyo nkofero y’abubahwa ari ikintu caranga Napoléon. Ukuntu yayambarira ku ruhande vyatuma bose bamumenya ari ku rugamba.

Mu myaka yabayeho, yatunze inkofero zababa 120. Ariko hoba hasigaye 20 gusa – nyinshi zikaba zifiswe n’amazu y’ivya kabise y’abikorera utwabo.

Iyi nkofero yariko igurishwa iri kumwe n’ibindi bikoresho vyaranze Napoléon vyegeranijwe n’umuntu yari afise inganda yapfuye mu mwaka uheze.

Uwateguye ico camunara Jean Pierre Osenat yagize ati: “Abantu baramenya iyo nkofero hose. Bayibonye ku rubuga rw’intambara, baca bamenya ko Napoléon ari ho ari.

“Igihe atari muvyo akazi, yarayambara ku mutwe canke akayifata mu ntoke, kandi rimwe na rimwe yarayiterera hasi. Yari ishusho, icaranga umwami w’abami.”

Abateguye ico camunara bemeza ko iyo nkofero iva ahantu hubashwe cane, yagumye mu muryango w’uwahoze ari umusuku (umucungamutungo) ku kirimba ca Napoléon.

Iyo nkofero yatezwa icamunara n’inzu y’ubudandaji Osenat i Fontainebleau ifise ikimenyetso Napoléon yayishizeko mu 1815, igihe yariko arajabuka ikiyaga Mediterane avuye mu buhungiro mw’izinga ryitwa Elbe aja ahitwa Antibes, aho mbere yagarutse ku butegetsi akanya gato.

Mu bindi bikoresho bigurishwa harimwo isahani y’ifeza yibwe mu modoka ya Napoléon inyuma yo gutsindirwa i Waterloo mu 1815 hamwe n’agasandugu gakozwe mu giti, inzembe, umujigiti (uburoso bw’amenyo) ukozwe mw’ifeza, umukasi hamwe n’ibindi bintu yari atunze.

1 thought on “Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading