HOSPITALITE Home » Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda yapfiriye mu Bubiligi

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda yapfiriye mu Bubiligi

Spread the love

yapfiriye mu Bubiligi

Faustin Twagiramungu yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Urwanda yapfuye kuri uyu wa 02 Kigarama (12) 2023 i Buruseli mu Bubiligi, ku myaka 78.

Muvyarawe yabwiye BBC Gahuzamiryango dukesha iyi nkuru ko Twagiramungu yahitanywe n’indwara ya giturumbuka.

Yagize ati: “Faustin Twagiramungu ntakiri muzima, yashengeye muri kano gatondo, yavyutse avuga ko asa n’umuntu arushe, avuga ko atameze neza hanyuma aruhutse biranka ko yikangura kuko vyabandanije vyunyuka.

Faustin Twagiramungu mu kiganiro na BBC mu Bubiligi mu 2017

“Yahavuye aryamira ukuboko kw’abagabo akikijwe n’umuryango wiwe w’amaraso wamubaye hafi.”

Urwo rupfu ruremezwa kandi na bamwe mu banyamuryango b’ishaka ryiwe, Rwandan Dream Initiative/RDI-Rwanda Rwiza, rikorera mu buhungiro, ishami ryo mu Bubiligi.

Gilbert Nkurikiye, umwe mu banywanyi b’iryo shaka mu ntara ya Hainaut, mu Bubiligi, yagize ati:

“Twakiranye umubabaro urupfu rwa Faustin Twagiramungu. Twabimenye mu gatondo acitaba Imana tubibwiwe n’umuryango wiwe w’amaraso.

“Ni inkuru ibabaje ariko urugamba rwo kurwanira demokarasi mu Rwanda yari yatanguye tuzorubandanya.”

Faustin Twagiramungu, avuka i Cyangugu mu bumanuko bushira uburengero bw’Urwanda, yabaye umwe mu banyapolitiki bakomeye batavuze rumwe n’ubutegetsi mbere na nyuma ya jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Ari mu bashinze umugambwe MDR (Mouvement Démocratique Républicain) mu 1991, utavuga rumwe na leta y’uwari Prezida Juvénal Habyarimana, akaba yaranawurongoye mu 1992.

Twagiramungu yarabaye umushikiranganji wa mbere w’Urwanda kuva italiki 19 z’ukwezi kw’indwi mu 1994 – bijanye n’amasezerano ya Arusha, gushika atanze imihoho mu kwezi kw’umunani mu 1995.

Faustin Twagiramungu yaciye ahungira mu Bubiligi.

Yasubiye mu Rwanda mu 2003 agiye kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu nk’umukandida yigenga, aho yatangajwe ko yaronse ibice 3.6% mu matora yo kuwa 25 ukwezi kw’umunani mu 2003, yatsinzwe na Prezida Paul Kagame ku bice 95%, ariko ayo matora Twagiramungu yavuze ko yaranzwemo ubusuma.

Faustin Twagiramungu yaciye asubira mu buhungiro mu Bubiligi, aho yahavuye ahabwa n’ubwenegihugu bw’Ububiligi, akaba yari yaranashinze umugambwe utavuga rumwe na leta y’Urwanda ukorera mu buhungiro, RDI-Rwanda Rwiza, yari arongoye.

1 thought on “Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda yapfiriye mu Bubiligi

  1. Iyo umugabo azindutse, abandi barasiba Sha. Rukokoma araje yibagirane nk’abandi bose. Natwe tuzibagirana. Gusa yagiraga ijambo… Nako umunwa.

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading