DR Congo: MONUSCO iriyamiriza ibitero ku bakozi bayo n’ibikoresho vyayo

Spread the love

Bintou Keita avuga ko iterabwoba n’ibitero ku bakozi b’ishirahamwe ONU n’imiryango yabo ari ibintu bidashobora kwihanganirwa

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU akaba ari na we arongoye MONUSCO ariyamiriza “urukurikirane rw’ibitero” vyakozwe ku bakozi b’ubutumwa bwo kubungabunga amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu myiyerekano y’ejo ku wa gatandatu ku mugwa mukuru Kinshasa.

Mw’itangazo yacishije ku rubuga rwa X, rwahoze rwitwa Twitter, Bintou Keita avuga ko imodoka zitari nke za MONUSCO zaturiwe.

Abari muri iyi myiyerekano buzuye uburakari barihaye amabarabara mu kwiyamiriza ico bise ukwivanga kw’Urwanda mu ndyane zirangwa mu buseruko bw’iki gihugu, mu gihe bagiriza ibihubu bimwe bimwe vy’Uburengero ko bishigikiye iki gihugu bagiriza ko kivogera ubutaka bwabo.

Imyiyerekano yarabaye kandi n’imbere y’ikigo ndangamico ca Amerika hamwe n’imbere y’ubuserukizi bw’Ubufaransa i Kinshasa, umusi umwe inyuma y’imyiyerekano nk’iyi nyene ku buserukizi bw’Ubwongereza.

Bintou Keita, Umunyanijeriyakazi, uhagarariye umunyamabanga mukuru wa ONU muri DRC

Mw’iti tangazo, Bintou Keitaavuga ko iterabwoba n’ibitero ku bakozi b’ishirahamwe ONU n’imiryango yabo ari ibintu bidashobora kwihanganirwa, agasaba ubutungane gukora amatohoza kugira ngo burengutse ababikoze.

Umupfasoni Keita avuga ko ibi bitero bigira ingaruka mbi ku nshingano z’amashirahamwe n’imigambi vy’ishirahamwe ONU.

Nayo kuri MONUSCO, Keita avuga ati: “Ibi bitero bibangamira utwigoro two gufata mu mugongo ingabo zijejwe umutekano za Repubulika ya Demokarasi ya Congo”, akiyamiriza isekeza ryo gusibanganya izi ngabo zarungitswe kubungabunga amahoro ico gihugu.

Kuva mu myaka iheze, urwanko ku butumwa bwa ONU, MONUSCO, rwagiye rwiyongera aho abanyagihugu bababajwe n’indyane zibandanya mu buseruko bwa Congo bagiriza izi ngabo ko ataco zabamariye mu myaka irenga 20 yose ziri muri iki gihugu.

Muri ino myaka ya vuba, hagiye bihonekeza imishamiraho hagati ya MONUSCO n’abanyagihugu bayiyamiriza.

Mu mwaka uheze, abategetsi ba Congo bafashe ingingo ko izi ngabo zitegerezwa gutahukanwa kubera izi mpungenge nyene.

NewLatter Application For Free

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV : 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading

×