Putin afite impamvu zifatika ya shoje intambara kuri OTAN inyuze kuri Ukrain?

Spread the love
Rate this post

‘Amerika yari yiyemeje ko OTAN itazokwagura akarere ariko bimaze kuba incuro 6’: ng’ibi bimwe mu kiganiro kidasanzwe na Putin

Putin na Carlson

Kuva atanguje intambara kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ntiyari bwigere aha ikiganiro umunyamakuru n’umwe wo mu Burengero .

Ariko, ni ku wa kane w’iyi ndwi, aho Putin yahaye ikiganiro kidansazwe umunyamakuru w’Umunyamerika Tucker Carlson ateje impari.

Carlson yari umunyamakuru akomeye cane wo ku mboneshakure Fox News gushika muri Ndamukiza (4) 2023, aho iki kinyamakuru camwirukana ata nsiguro gitanze. Ubu, afise ikompanyi yiwe yigenga, Tucker Carlson Network, kandi akaba acisha amakuru yiwe ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter.

Hano, ahacisha ibiganiro vy’abagenzi biwe bo ku ruhande rw’abanyaporitike bagendera ku mico ya kera, harimwo na Donald Trump yahoze arongoye Amerika.

Muri iki kiganiro co ku wa kane, Putin yerekanye ko mu bisanzwe Ukraine itari igihugu cigenga yongera asigura “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” ciwe kuri Kyiv akoresheje insiguro zisanzwe zizwi zishingiye kw’iterabwoba ku Burusiya ritewe n’ingene OTAN/NATO, ishirahamwe ryo kurwaniriza umwansi hamwe rihuza ibihugu vy’Uburengero, ibandanya yiyagurira akarere.

Hejuru y’ibi, yerekanye ko ata migambi afise yo gutera Pologne canke ikindi gihugu ico ari co cose ca OTAN.

Iki kiganiro catanguriye ku mpari. Bamwe mu bahinga babona ko Putin ariko agerageza kwivanga mu matora ya Amerika ategekanijwe mu mpera z’uno mwaka, aho Abanyamerika bazotora umukuru w’igihugu cabo.

Berekana kandi ko kibaye mu gihe inama nshingamateka na Nkenguzamateka za Amerika zitorohewe mu biganiro vyerekeye ukwemeza iyindi mfashanyo ya gisirikare igenewe Ukraine biturutse ku bashingamateka b’Abarepubukika begereye Trump.

Uno yahoze ari umukuru w’igihugu aridogera amamiriyaridi y’amadorari y’imfashanyo igihugu ciwe giha Ukraine, mbere akaba abona ko intambara ikwiye guhera.

Habaye kandi impari kuri videwo yari iherutse gusohorwa na Carlson aho yavuga ko ata “mumenyeshamakuru n’umwe wo mu Burengero” yashatse kugiriranira ikiganiro na Putin kuva mu 2022 kugira ngo yumvirize ivyipfuzo vyiwe.

Amajambo yiwe yatumye anegurwa na rirya hari abanyamakuru batari bake bo mu binyamakuru bitandukanye bavuga ko bagerageje incuro zitari nke gusaba ibiganiro na Putin ariko bakankirwa. Umwe muri bo ni Steve Rosenberg ajewe igisata c’Uburusiya muri BBC.

Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) Dimitry Peskov yaremeje ko bimye ibiganiro n’abandi bamenyeshamakuru b’uburengero imbere y’iki ca Carlson.

Ibi ni bimwe mu bintu bitanu nyamukuru vyavuzwe na Putin muri iki kiganiro.

1. Gutera Pologne, Lituanie canke ikindi gihugu ca OTAN ni ‘ikintu kitari mu nteguro n’imwe’

Perezida Putin yamiriye kure ivyo gutera Lituanie/Lithuania, Pologne/Poland canke ikindi gihugu ico ari co cose ca OTAN, avuga ko iki ari “ikintu kitari mu nteguro n’imwe”.

Igitero kuri Ukraine cateje ubwoba mu bihugu vya Baltique, Pologne n’ibindi bihugu vya Bulaya ko Uburusiya bushobora kubigomorerako ingabo.

Mu bisanzwe, kubera ubwoba bifise, Finland na Suwede, ibihugu ataho vyari vyegamiye mu mishamirano hagati y’Uburusiya n’Uburengero, vyaciye bisaba kwinjira muri iri shirahamwe ryo kuwaniriza umwansi hamwe.

Muri iki kiganiro, Putin yavuze ko ata kindi gitero gishobora kuba. Yavuze ko vyoba mu gihe hogira ikintu kimwe gusa kiba, “ari nka hamwe Pologne yotera Uburusiya”.

Mu mayinga y’imbere y’uko ingabo z’Uburusiya zitera Ukraine, Moscou yari imaze igihe ihakana ko ata nteguro yari ifise yo gutera Ukraine nk’uko vyari bimaze igihe bimenyeshwa na Amerika hamwe n’inzego zayo z’igendereza.

N’aho umukuru w’igihugu c’Uburusiya avuga ashimitse ko ata gitero gishoboka ku gihugu ca OTAN, ashimangira ko iri huriro ry’ibihugu vy’uburengero ritegerezwa kwemera uturere tw’ubutaka bwa Ukraine twigarurirwe n’Uburusiya kuva intambara itanguye.

2. ‘Nimba Amerika ishaka ko intambara ihagarara, itegerezwa guhagarika irungikwa ry’ibirwanisho [muri Ukraine]’

Carlson yabajije Perezida Putin nimba yarigeze ategekanya kuganira imbona nkubone na Perezida Joe Biden wa Amerika mu kurondera ko boshika ku masezerano yo guhagarika intambara muri Ukraine.

Putin yashimangiye ko hari ibiganiro hagati y’inzego z’Uburusiya n’iza Amerika ariko ko ata “kintu na kimwe co kuganirako” igihe cose Amerika izobandanya iha ibirwanisho Ukraine, poritike avuga ko ari “iyo ukwihenda”.

Ati: “Ndashobora koko kukubwira ico turiko turagerageza kwumvisha ubutegetsi bwa Amerika: Nimba koko ushaka ko intambara ihagarara, utegerezwa guhagarika kurungika ibirwanisho. Mu ndwi nke yoba irangiye”.

Putin atanze iyi nyishu mu gihe inama nkenguzamateka ya Amerika iherutse kwemeza integuro y’imfashanyo igera ku miriyaridi 61 z’amadorari igenewe Ukraine, ariko ikaba iriko irarwanywa bikomeye mu nama nshingamateka yiganziwe n’Abarepubulika, harimwo n’abari ku ruhande rwa Trump bamye batora bahakana imfashanyo ihabwa Ukraine.

Ni mu gihe abashigikiye Ukraine barwanya ibi bivugwa na Putin, bavuga ko Uburusiya ari bwo butegerezwa gushira ibirwanisho hasi.

Bavuga bati: “Ari nka hamwe Uburusiya buhagaritse ibitero, intambara yoba irangiye. Ariko mu gihe Ukraine yohagarika kwivuna, Ukraine yoba irangiye”.

3. ‘Ntibashobora gutsinda Uburusiya ku ntambara’

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya avuga ibi afatiye ku mugambi yanaguye wo guhingura ibirwanisho mu Burusiya.

Avuga ko yakoze ibi kubera intwaro zagiye zikurikirana muri Amerika zanse ivyo yazishikirije ku mugambi wiwe wo kugabanya ibirwanisho no kurwanya ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

N’aho ahakana ko igihugu ciwe ata mugambi wo gutera ikindi gihugu ico ari co cose, Putin agaruka ku co afata nk’intambwe zikomeye mu gisata co guhingura ibikoresho vya gisirikare mu Burusiya, nka vya bisasu binyaruka gusumba ijwi, ibirwanisho bigezweho, nk’uko abivuga, gusumba ivy’ivyo bihugu bindi.

Avuga ko abategetsi b’ibihugu vy’uburengero bamaze kwibonera bo nyene ko “badashobora gutsinda Uburysiya mu ntambara”.

4. ‘Ukraine ni igihugu c’igicurano cabayeho ku gushaka kwa Staline’

Putin avuga ko Ukraine yabayeho ku bwa Staline
Putin avuga ko Ukraine yabayeho ku bwa Staline

Muri iki kiganiro, Putin yarafatiye ku bihe vya kahise, bimwe mbere vyabaye mu kinjana ca 13.

Hagati aho, yashimangiye ku nsiguro za kahise k’Ubumwe bw’Abasoviyeti mu myaka y’imbere y’intambara ya kabiri y’isi yose.

Cane cane, avuga ko Ukraine nk’igihugu cari icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti, canke URSS/USSR (Union des Républiques Socialistes Soviétiques/ Union of Soviet Socialist Republics) cabayeho “mu buryo budasobanutse” mu mutwe w’umukuru w’intwaro y’Abasoviyeti Vladimir Lenin.

Yerekana ko ishingwa rya Ukraine ryavuye mu mugambi wategetswe na URSS w’uko “uturere twibako”, mu kurondera guteza imbere indimi n’imico vy’igihugu.

Yongerako ko intambara ya kabiri y’isi yose iheze, ku ntwaro ya Staline, Ukraine yaronse uturere twegukira Pologne na Hongrie, aho abanyagihugu bakoresha indimi z’igi-Pologne n’iki-Hongrie bari bakiba.

Aha arangiza avuga ati: “Ukraine ni igihugu c’igicurano cabayeho ku gushaka kwa Staline”.

Hagati aho, umuhinga muri kahise Matthew Lenoe wo kuri kaminuza ya Rochester avuga ko mu gihe kumbure ata kahise ka Ukraine gashobora kuboneka imbere ya 1918, nta nkeka ko ubu ari igihugu cigenga.

“Putin avuga ko Ukraine ata kahise ifise kihariye nk’igihugu gatandukanye n’ak’Uburusiya, ariko ibi si vyo”, niko Leone yavuze mu kiganiro muri Ntwarante (3) 2022.

Yongeyeko ati: “Mu bakoresha ururimi rw’ikinya-Ukraine no mu turere tugize Ukraine ubu, hari ibintu bitandukanye vyagiye biba.

“Mu bihe n’ibindi bagiye begukira ubwami n’ibihugu bitandukanye. Ariko muri kahise kose abavuga ururimi rw’ikinya-Ukraine bamye bafitaniye imigenderanire kandi batsimbataje umuco rusangi, cane cane hagati mu kinjana ca 19”.

5. ‘Amerika yari yiyemeje ko OTAN itazokwiyagurira akarere ariko bimaze kuba incuro 6’

Bimwe mu bivugwa na Putin kuri kahise muri iki kiganiro na Tucker Carlson vyari ivyerekeye incuro zitari nke z’aho Amerika yoba yaremereye Uburusiya ko OTAN itazokwiyagurira akarere itera ija amaja mu buseruko, mu micungararo y’Uburusiya.

Nk’uko bivugwa na Perezida Putin, abategetsi batari bake baremereye Kremlin ko OTAN itari kwiyagurira akarere. Ku bwa Putin, URSSS imaze gusambuka, iri huriro ntiryari rigikenewe.

Hagati aho, ibivugwa na Putin si bishasha. Mu 1993, uwo yasubiriye Boris Yeltsin, yavuze ko ibikorwa vya OTAN vyo kwiyagurira akarere amaja mu buseruko “biteye kubiri n’amategeko”.

Yevgeny Primakov yahoze ari umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire, yaravuze amajambo nk’aya nyene igihe yavuga ko yari yijejwe ko ata “gihugu na kimwe cari mu masezerano ya Varsovie [Warsaw] kizokwinjira muri OTAN”.

Hagati aho, nk’uko bivugwa na Kristina Spohr, umwigisha kuri kahise mpuzamakungu kuri kaminuza London School of Economics, ikintu conyene Uburusiya bwemerewe ni icabaye igihe uruhome rwa Berlin rusenyuka, igihe Uburusiya bwemera gutahukana abasirikare 380.000 bwari bufise mu Budagi bw’Ubuseruko bagasubirizwa n’ingabo za OTAN.

Ico gihe, James Baker, umushikiranganji wa Amerika yari ajejwe imigenderanire ku butegetsi bwa George HW Bush, yoba yamubwiye ko ingabo za OTAN zitari gutera “intambwe n’imwe amaja mu buseruko”, ariko akaba yari afatiye ku rubibe rw’Ubudagi bw’Uburengero n’Ubudagi bw’Ubuseruko.

NewLatter Application For Free

3 thoughts on “Putin afite impamvu zifatika ya shoje intambara kuri OTAN inyuze kuri Ukrain?

  1. Uko byaba biri kose niba hari impamvu nkuko Putine abivuga, bikaba ari ukuri koko Amerika yarigize ndigabo na OTAN bakarenga nkana ku masezerno n’imyumvikano bagiranye, NABARASE. Si byiza ko abategetsi bo kurwego nka ruriya bigira indyandya kurwego bashukana nk’aban bagabana amapera. Ni ikibazo gikomeye ku isi , aho uzi gukora polotike neza ari ushobora kubeshya bigahama. Bindya ahantu nubwo ntari umurusiya.

Comments are closed.

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV : 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading

×