HOSPITALITE Home » Agahinda k'ubusage bwiwe -umunyamideri wo muri Uganda yabumowe mw'ibohero

Agahinda k'ubusage bwiwe -umunyamideri wo muri Uganda yabumowe mw'ibohero

Spread the love
Rate this post

Latif Madoi, umunya-Uganda rurangiranwa mu gutumnganya ivyambarwa, yari kw’ishure ryiwe ku wa 13 Rusama igihe igiporisi cinjira muri iyo nyubakwa.

Madoi yatangajwe no kubona abaporisi bamwambika amapingu, baramuhagarika we n’abanyeshure biwe bane. Baranafashe kandi zimwe mu mashini zo kubarira ziwe hamwe n’imyambaro yari yahejeje gushona.

Latif Madoi mu maso
Latif Madoi yashinze ishure ryo gutunganya ivyambarwa afise umugambi wo gufasha abanyeshure kuronka amafaranga

Ico Madoi yakosheje? Abashikirizamanza bagirije uwo mugabo w’imyaka 47 gutunga imyambaro isa (uniforme) ”irekuriwe gukoreshwa gusa n’igisirikare n’igiporisi”, ivyo bikaba bitemewe mu mategeko ya Uganda.

Inyuma y’ukwezi kurenga afashwe, Madoi aracari mw’ibohero rya Kasangati, ku nkengera z’umurwa mukuru, Kampala.

”Afise agahinda”, niko umushingwamanza wiwe George Musisi yabwiye URTV, kandi gutegekwa kumwa ubusage bwiwe (dreadlocks) yamaze imyaka 17 arindiriye ko bukura ni imwe mu mvo z’ako gahinda.

Kwimosaha ni itegeko ku banyororo bose muri Uganda ariko ubusage bwa Madoi cari kimwe mu bimenyetso bikomeye biranga ubu-Rasta bwiwe, nk’uko Musisi avuga.

Ivyo bivugwa kandi na Bobi Wine, indongozi y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi akaba n’umuririmvyi, izina ryiwe ry’ukuri rikaba ari Robert Kyagulanyi Ssentamu.

Inyuma yo kuja kuraba Madoi mw’ibohero, Bobi Wine yabwiye miriyoni zibiri z’abantu bamukurikira ku rubuga rwa X ko ”kimwe mu bintu bibabaje cane uwo muhinga wo gutunganya ivyambarwa ari ukuba yamowe ubusage bwiwe”.

Abaraba ibintu n’ibindi ntibakekeranya ko Madoi yapfunzwe kubera yashonye umwambaro w’ibara ritukura wa Bobi Wine.

Inkofero n'impuzu zitukutra za Bobi Wine ziri mu bimuranga
Inkofero n’impuzu zitukutra za Bobi Wine ziri mu bimuranga

”Umwambaro yankoreye ndawambara izuba riva, kuki yopfungwa kubera yawukoze?” niko Bobi Wine abaza abamukurikira kuri X.

Igiporisi kivuga ko umunsi catera ishure rya Madoi , cahasanze imyambaro itemewe n’amategeko irimwo ”iya gisirikare”, ”inkofero za gisirikare” n”’amabutura abiri y’ibara ry’urwatsi rutoto rwa gisirikare”.

Kuva mu 2005, kwambara impuzu za gisirikare ntivyemewe n’amategeko muri Uganda. Ubu vuba reta iherutse kwongera kuri urwo rutonde rw’ivyambarwa bibujijwe inkofero zitukura, izimaze kumenyerwa nk’umwambaro wa Bobi Wine n’abamushigikira.

Umushingwamanza wa Madoi avuga ko atibaza ko igiporisi casanze ibintu bitemewe n’amategeko mw’ishure ryiwe.

Anavuga kandi ko abaporisi bari bakwiye kumuha amafoto y’ivyo bavuga ko bahafatiye, ariko umuvugizi w’igiporisi Patrick Onyango yabwiye URTV ko ”ivyafashwe” bisubizwa benevyo iyo gusa ”urubanza rutakiriwe na sentare”.

Madoi yari asanzwe azwi muri Uganda n’imbere y’uko agira aho ahuriye na Bobi Wine.

Uwo muhinga mu gutunganya ivyambarwa aramaze gutahana ubushimwe bwinshi naco ikinyamakuru co muri Uganda Daily Monitor camwise ”umuhinguzi w’ivyambarwa yaje guhindura ibintu wo ku rugero rwa mbere”.

Uretse Bobi Wine, Madoi yaratunganirije impuzu abandi bantu bazwi cane nk’umuhisi Lucky Dube yari umuririmvyi wa reggae w’umunya -Afrika y’Epfo, hamwe n’umunya-Jamaica abica bigacika Busy Signal.

Madoi yarashinze kandi arigisha ishure ryo gutunganya ivyambarwa – ari naho yafatiwe mu kwezi guheze. Ico yifuza gushikako, nk’uko yigeze kubivuga, ni uguha abanyeshure biwe ”ubumenyi bwo kugira ico bashitseko mu buzima, bace amafaranga atari ayo gutuma baramuka gusa”.

Ifatwa ryiwe ryahuriranye n’umukwabu – canke ico igiporisi cise ”igikorwa cakoreye ku makuru y’iperereza” – ku banyagihugu basanzwe bambara imyambaro y’igiporisi n’igisirikare canke iyishaka gusa na zo.

Ico gihe hari abantu bari ku rushi barafashwe, barimwo umushingamateka wo mu mugambwe National Unity Platform wa Bobi Wine hamwe n’uwujejwe gukubura imuhira iwe, nk’uko igiporisi cavuze.

Musisi yibaza ko igiporisi cafashe Madoi ”mu gutera ubwoba abatavuga rumwe na reta n’ababashigikiye”.

Muri Uganda igiporisi gifise kahise karekare ko guhiga abatavuga rumwe muri poritike na perezida Yoweri Museveni.

Bobi Wine, uwa mbere akomeye mu batavuga rumwe na Museveni, amaze gufatwa incuro nyinshi akagirizwa ivyaha bikomeye cane birimwo no guhemukira igihugu.

Igiporisi caranamurashe igihe yariko aragira imyiyamamazo mu 2021, umugambwe wiwe NUP nawo ntusiba kwidoga ko abanywanyi bawo batotezwa.

Abategetsi barahakana ko ata mvo za poritike ziri muri iryo fatwa kandi ko ryari rikenewe kugira hubahirizwe amategeko n’umutekano mu gihe c’imyiyerekano y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Amaze kuja kuraba Madoi mw’ibohero, Bobi Wine yavuze ko igiporisi ”cagiye gitwaye nyinshi mu mashini ziwe ubu ibokorwa bikaba vyarahagaze”.

Abandi bari mu gisata nk’ica Madoi bafise amakenga ko bashobora gushikirwa n’ivyamushikiye, nk’uko umwe yabwiye URTV.

Lwazi Paddy
Lwazi Paddy ariko aratunganya impuzu nk’uko umukiriya yabimusavye

”Birya bintu vyaradushegeshe,” bivugwa na Lwazi Paddy, atunganya ivyambarwa kw’izina rya Miracle Designr.

Paddy avuga ko yahereye mu kwiga mw’ishure rya Madoi, avuga ati: [Madoi] atunganiriza abantu imyambaro itukura. Twebwe, turonka abakiriya bakunda bene ivyo bintu… ivyo akora vyose abikora mu nzira yo.”

Madoi azova mu munyororo gatoya ku wa 24 Ruheshi (6) agiye kwitaba sentare – aho niho azomenya niba ivyo yasavye vyo kuburana yidegemvya vyaremewe canke bitemewe.

Ariko Musisi ”afise icizere” – avuga ko amaze kubona abandi bagirizwa nk’ivyo bakabivamwo ata caha kibagiye.

”Ico biba bigamije n’ugutera ubwoba mu bashigikiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ntikwama ari ukugira babacire imanza,” nk’uko avuga.

Ariko naho kuri Madoi vyogenda uko, kuba baramumoye ubusage bwiwe bisigura ko hazoca igihe kirekire aguma yibutswa aho yaciye igihe cose azokwiraba mu cirori.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading