Headlines

Lupita Nyong'o yavuze amahano yashikiye umuryango yiyamiriza n'uguhasha imyiyerekano muri Kenya

Spread the love
4/5 - (1 vote)

Umukinyi w’ama sinema (film) Lupita Nyong’o yiyamirije ingene abategetsi ba Kenya bahashije abitavye imyiyerekano yo mu kwezi kwa gatandatu yo kwiyamiriza iduzwa ry’amakori (imisoro).

Igiporisi carirutse ata mpuhwe ku bitavye imyiyerekano, ku bw’amashirahamwe aharanira uburengenzira bwa zina muntu, abaharurwa mu mirongo baricwa, abandi nabo baraburwa irengero.

Nyong’o, afise se yapfunzwe akaborezwa igufa ku ntwaro y’uwahoze ari umukuru w’igihugu, Daniel Arap Moi, yabwiye BBC ati: ”Biteye guhinda agashitsi kubona iyi reta ikoresha amayeri nahora nibaza ko yajanye na kahise.”

Mu kwishura, reta yavuze ko bidashoboka kugereranya intwaro zibiri ”zitandukanye cane” kandi ko ”ibabazwa n’umuntu uwo ari we wese yishwe”.

Ariko Nyong’o, umukinyi yatsindiye Oscar, yakuriye muri Kenya ariko ubu aba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yavuze ko ingene reta yigenjeje muri iyo myiyerekano ”bibabaje”.

”Uko ibintu birushiriza guhinduka, niko biguma ari vya bindi nyene… sinzi ingene ibi bintu bizohera,” niko yavuze uwo yakinye mu ma sinema ya Hollywood yakunzwe cane nka 12 Years a Slave na Black Panther. Hari mu kiganiro kuri podcast nshasha aherutse gukora.

Se wiwe, Anyang’ Nyong’o, ubu ni umukuru w’intara muri Kenya akongera akaba n’indongozi mfatakibanza ya Orange Democratic Movement (ODM). umwe mu migambwe ikomeye itavuga rumwe n’ubutegetsi muri ico gihugu.

Urunani ruri ku butegetsi United Democratic Alliance (UDA) rwarazanye abo muri ODM muri reta mu kwezi kw’indwi, mu rukurikirane rw’ingingo zo guhoyahoya abitaba imyiyerekano.

Mu myaka ya 1980, Anyang’ Nyong’o yari umwigisha wa kaminuza mu bijanye na poritike ico gihe, yari mu mugwi w’incabwenge zatunganije guhangana n’intwaro ya Moi.

Moi, yabaye umukuru w’igihugu kuva mu 1978 gushika mu 2002, yatwaje Kenya igikenye aho yacinyiza ata kinya abatavuga rumwe nawe muri poritike.

Aho sewabo wa Lupita, na we nyene yaharanira uburenganzira, amariye kunyuruzwa, umuryango waciye uhungira muri Mexique. Ikiziga ca sewabo nticigeze gitorwa, ariko umuryango wibaza ko cakorowe mu bwato gisunurirwa mu mazi, ku bw’amakuru waronse.

”Ndashimira cane abakiri bato bari ku rwasiro rw’intambara barwanira Kenya itandukanye [n’iyakera],” niko Lupita Nyong’o yabwiye urunganwe rwitaba iyo mwiyerekano.

Isaac Mwaura, umuvugizi wa reta ya Kenya y’ubu, yabwiye BBC ko reta ”yakoranye cane n’abagiye mu myiyerekano iranemera ivyo basaba, harimwo n’uko umukuru w’igihugu atemeje itegeko rigenga amafaranga”. Ingingo zitavugwako rumwe zo kuduza amakori zari muri iyo nteguro nizo zabaye inyanduruko y’iyo ntureka.

Ku bivugwa ko abantu bishwe muri iyo myiyerekano, Mwaura yavuze ati: ” Ibitigiri vy’igiporisi vyo nyene nivyo twemera. Reta irababazwa n’umuntu wese yishwe muri iyo myiyerekano kandi uwo ari we wese yishe azobibazwa hakurikijwe amategeko.”

Lupita Nyong’o yavukiye muri Mexique inyuma y’aho se wiwe (mubona aho kw’ifoto), na nyina n’umukobwa bavukana bahungiye Kenya

Nyong’o aragaruka kw’ido n’ido ry’amahano se yakorewe muri iyo podcast yiwe yo kubara inkuru, Mind Your Own [Raba ibikuraba].

Muyi iyo podcast, Nyong’o n’abandi banyafrika bayitereyemwo baratera inkuru zo guteramisha z’ivyabaye mu buzima kugira binjire ku co bivuze kuba wamuka kuri uwo mugabane [wa Afrika].

Gushika ubu muri urwo rukurikirane, hamaze kuvugwa inkuru zo muri Ghana, Nigeria, Kenya, Rwanda n’izo abanyafrika baba hanze.

Nyong’o avuga inkuru ya se mu gice ciswe The Freedom Fathers [Abagwaniye ukwishira n’ukwizana]- kimwe conyene gushika ubu kivugwamwo poritike n’agacinyizo.

Ivyo vyakozwe n’ibigirankana – uwo mukinyi w’ama sinema avuga ko yashatse gushimikira ku nkuru ”zica ivutu”, ”zidasanzwe” aho kwama mu zimenyerewe z’intambara, akaga n’ubukene.

”Nibaza ko kenshi twaga mu buryo twibaza ico ari co umunyafrika…nashaka kwigirwa kure y’ibibazo vyama biriko birarurumba mu makuru, bivugwa hose kw’isi, kuko vyo birahasanzwe,” niko avuga.

”Ni izahe nkuru ataco tuziziko – umuntu asanzwe aca mu bintu bidasanzwe?”

N’ubwo Mind Your Own yatunganijwe na kompanyi yo muri Amerika Snap Studios, abanyafrika benshi barayifashijemwo n’aho batagaragara.

Nk’igicapo c’inyuma kw’iyo podcast cakozwe na Mateus Sithole, umunyatugenegene bahuriye na Nyong’o muri Mozambique, mu gihe umunyamuziki w’umunya-Nigeria akaba n’umunyamerika Sandra Lawson-Ndu yakoze indirimbo iherekeza iyo podcast.

”Vy’ukuri nashaka kuronka abanyafrika benshi bashoboka kugira baterere kuri uyu mugambi. Nashaka kurungika ubutumwa, ubutumwa butomoye… ni umugambi w’abanyafrika ugenewe abanyafrika, ariko udakumiriye uwundi uwo ari we wese,” niko Nyong’o yavuze.

Ariko aremera ko bidashoboka ko umugabane w’ibihugu 54 wose wokwirwa muri podcast imwe.

”Sinshobora kwiha igikorwa co gukonganiriza hamwe Afrika yose – kwoba ari ugusara!” niko avuga.

”Afrika ihindagurika nk’abayikomokamwo.

”Gutyo rero ntituzokwigera duheza kuvuga inkuru zacu.”

Leave a Reply

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV EN LIGNE: 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading