Ku wa gatanu mu Burundi hahimbarijwe umusi nyafrika wahariwe gufungurira abanyeshure bo mu mashure y’intango, wahuriranye n’umugambi uzwi mu Burundi nka “cantine scolaire”.
Uburundi buri mu bihugu uwo mugambi umaze gushikamwo. None wifashe gute muri ico gihugu?
Ishure ECOFO Rukaramu ya mbere ni rimwe mu mashure agaburira abanyeshure.
Deniza Nkunzwenimana, umuvyeyi arereye kuri ECOFO Rukaramu 1, avuga ati: “Kare vyaratugora kubera umuvyeyi yagenda gukora agataha afyuye amaso agira ati ‘umwana agende kw’ishure afunguye.’
“Ariko ubu umwana arashobora kugenda kw’ishure wibereye gukora ntiwirirwe urahangayika cane kubera baba babazaniye imfungurwa, bagafungura ku mashure.”
Iri shure riri muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura, ku birometero nka 20 mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Bernadetta Mbonimpa ni umubanyi wa Deniza. Na we arereye kuri ECOFO Rukaramu 1.
Twahuriye mu micungararo y’iryo shure avuye mu mirima. Na we nyene asangiye umunezero n’umubanyi wiwe.
Bernadetta avuga ati: “Abana barafungura neza ata ngorane. Kare batarabagaburira, urabona twebwe nk’ubu dutunzwe n’akaranje [ibiraka], warashobora kugenda gukora hama ukaza wiruka kugira ugaburire umwana agende kw’ishure.”
Ariko aramwenyura, yongerako ati: “Mugabo ubu kubera babagaburira nta ngorane dufise. Urakora akaranje ata ngorane. Mbere barabashirirako n’utuboga. Bimeze neza.”
Igihe c’isaha zitandatu zibura gato, abigisha nka bose basa n’abigisha banyarutsa kugira baheraheze ivyigwa vy’imbere y’umutaga.
Muri uwo mwanya nyene, hirya nko ku metero 200, abajejwe gukinjika bariko basiganwa n’umwanya kugira abana basohoke bihiye. Abandi bariko boza amasahani.
Isaha zitandatu n’iminota 45, ni umwanya wo gufungura. Uno musi bafungurirwa umuceri n’ibiharage biriko utuboga two mu bwoko bwa lenga lenga. Ariko ngo hari n’igihe babashirirako n’utudagara.
Abana bose biraboneka ko banezerewe.
Umuyobozi wa ECOFO Rukaramu 1, Jean De dieu Bazirutwabo, avuga ko kuva uwo mugambi utanguye kuri iryo shure mu 2014, abana bamenya (batsinda mu Kinyarwanda) ku rugero rutari rumenyerewe.
Atanga akarorero ko mu mwaka uheze, aho ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja mw’ishure ry’inyuma y’ishure shingiro catowe ku rugero rwa 97 kw’ijana.
Yemeza ko n’abaheba ishure bagabanutse cane.
Ati: “… twaba dufise abanyeshure 576, umwaka waza guhera nka 200 baza bamaze kugenda bavamwo. Urugero rw’abaheba rwarashika hafi 70 kw’ijana.
“Mugabo kuva aho uwu mugambi wo kugaburira abana ku mashure uziye, abaheba amashure baragabanutse cane. Nk’ubu twatanguranye igice ca mbere dufise 780, tugeze mu gice ca kabiri ata na raporo y’abana 12 bahevye.”
None ku rwego rw’igihugu vyifashe gute?
Liboire Bigirimana ni umuyobozi w’umugambi ujejwe kugaburira abana ku mashure, akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero.
Avuga ko uwo mugambi, watanguye mu mwaka wa 2008, “ugeze gufungurira abana bangana ibihumbi 670” “bari mu mashure angana 867”.
Ati: “Uburyo bukora ku mwaka bungana n’imiriyoni 25 z’ama dolari. Ni ukuvuga umuntu ayashize mu mafaranga y’amarundi, usanga dukoresha nk’imiriyaridi 70 ku mwaka. Reta rero murumva ko itangamwo imiriyaridi 12 n’igice kirenga.”
Ivyo bitigiri biracari hasi ugereranije n’abana bose bategerezwa gufungurirwa mu Burundi. Ni 25 kw’ijana gusa vy’abana 2.800.000 reta yipfuza kugaburira.
Bigirimana avuga ko inzego z’igihugu ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira abana bose bashikirwe.
Mu bindi bihugu bimwe vyifashe gute?
Ihimbazwa ry’umusi nyafrika wahariwe gufungura neza ryitabwe n’imigwi itandukanye iserukira ibihugu 29 vyo ku mugabane wa Afrika, harimwo n’amashirahamwe akorera muri ico gisata.
Iyo migwi yashitse mu gisagara ca Bujumbura ku wa kane, aho abahinga baturuka muri ivyo bihugu babanje kurabira hamwe ingene umugambi wo kugaburira abana ku mashure wifashe mu gihugu kimwe kimwe.
Naho mu Burundi utaratera imbere cane, hari bimwe mu bihugu vyagiye bitangwako akarorero, bifatwa nk’ibigeze kure muri uwu mugambi.
Kimwe muri vyo, ni Bénin. Ali Ouattara aserukira muri ico gihugu ishirahamwe mpuzamakungu PAM riraba ibijanye no gufungura, asigura ko haba ku ruhande rwa reta canke urw’abashigikiramigambi, hakoreshejwe inguvu nyinshi cane kugira bashike aho bageze.
Yagize ati: “Nariko mvuga ko tugeze ku bice 75 kw’ijana. Bihuye n’amashure 5709. Ibitigiri vy’abanyeshure bafungurirwa ni 1.374.000.
“Uwu mugambi urateza imbere n’abarimyi batobato bo muri Bénin. Mu mwaka wa 2021, twabaguriye amatoni 300. Mu 2022, twabashoreye amatoni 901. Mu 2023, twaciye dushika ku matoni 7600 twaguriye abarimyi batobato. Ni ukuvuga imiriyoni 3 n’ibihumbi amajana atandatu vy’ama dolari ($3.600.000).”
Mu ngorane abaserukira ivyo bihugu 29 bagiye bagarukako zituma umugambi utagenda neza, harimwo izijanye n’ubukene bw’uburyo, ugushaka kudakwiye kw’abafata ingingo mu vya politike, ubukene bw’imfungurwa zirimwo ingaburo zikwiye, n’igisata co kwunguruza ibintu kitaratera imbere.
Naho biri uko, ibihugu vya Afrika bihurikiye mu mugambi wo kugaburira abanyeshure biga mu mashure y’intango bivuga ko bigenda vyongereza inguvu kugira birabe ko vyoba vyashitse kw’ihangiro n’imiburiburi mu mwaka wa 2030.
Hagati y’umwaka wa 2016 na 2022, ama reta yongereje uburyo akoresha muri uwo mugambi ku bice 10 kw’ijana.
Vyatumye n’ibitigiri vy’abana bagaburirwa vyongerekana cane. Bavuye ku miriyoni zababa 30 mu 2016, bashika kuri 65 zirenga mu 2022.
Igisigaye, ni ukumenya ko abaserukira ivyo bihugu 29 bashoboye kugondoza abafata ingingo mu vya politike kugira bongereze uburyo.
Kazoza kazovyerekana.
NewLatter Application For Free