KIRUNDI Perezida Biden Asaba ko Perezida Putin Arengutswa mu Butungane April 7, 2022 Spread the love Seen by: 8,754 Rate this post Ibiziga biboshe vy’abantu mu mabarabara y’i Bucha, hafi y’umurwa mukuru Kyiv, kw’itariki 3/04/2022.Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yasavye kuri uyu wa mbere ko Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin aburanishwa ku vyaha vyo mu ntambara. Amwagiriza ivyaha vyakozwe n’abasirikare b’Uburusiya i Bucha, agasagara kari mu micungararo y’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev.Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine, Iryna Venediktova, yavuze ko ibiziga vy’abantu 410 vyatowe muri ico gisagara inyuma y’aho abasirikare ba Ukraine bagisubiranye.Perezida wa Komisiyo y’ishirahamwe rya Buraya, Ursula von der Leyen nawe yashikirije ubutumwa kuri Twitter kuri uyu wa mbere ko ishirahamwe rya Buraya rizorungika abakora amatohoza muri Ukraine kumufasha gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara.Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagendeye iki gisagara ca Bucha kuri uyu wa mbere, abwira abanyagihugu biwe kuri televiziyo y’igihugu ko ubu bigiye kutoroha kuganira kugira intambara n’Uburusiya ihagarare mu gihe ibi vyaha vyakozwe n’abasirikare b’Uburusiya bigaragaye.Uburusiya bwarahakanye ibi vyagiriji ko bwishe abasivile muri Bucha. Umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire n’ayandi makungu Sergey Lavrov yavuze ko ibiriko birerekanwa mu micungararo ya Kiev ari agasomborotso kerekana urwanko ibihugu vyo mu burengero bifitiye Uburusiya.Igihugu ca Lituwaniya caciye cirukana ambasaderi w’Uburusiya ari Vilnius conger gihamagaza uwaco ari i Moscou. Muri ico gihe nyene, Ubufaransa n’Ubudagi bivuga ko bigiye kwirukana abadiplomate b’Uburusiya bari mu bihugu vyabo. Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments! Continue Reading Previous Uburusiya Bwabwiye EU ko Kwirukana Abadiplomate Bizodindiza IbiganiroNext Intambara ya Ukraine: Russia iriko igerageza kwigarurira intara ya Donbas yose Plus d’histoires KIRUNDI Ido n’ido ry’amabi abari ‘intumwa’ za TB Joshua bavuga ko yabakoreye January 8, 2024 FR KIRUNDI Amerika itewe impungenge n'akamo ka prezida w'Uburundi ko kwica abahuza ibitsina babisangiye January 8, 2024 C.Général FR KIRUNDI Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris November 20, 2023