HOSPITALITE Home » Perezida Biden Asaba ko Perezida Putin Arengutswa mu Butungane

Perezida Biden Asaba ko Perezida Putin Arengutswa mu Butungane

Spread the love
Rate this post
Ibiziga biboshe vy’abantu mu mabarabara y’i Bucha, hafi y’umurwa mukuru Kyiv, kw’itariki 3/04/2022.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yasavye kuri uyu wa mbere ko Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin aburanishwa ku vyaha vyo mu ntambara. Amwagiriza ivyaha vyakozwe n’abasirikare b’Uburusiya i Bucha, agasagara kari mu micungararo y’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev.
Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine, Iryna Venediktova, yavuze ko ibiziga vy’abantu 410 vyatowe muri ico gisagara inyuma y’aho abasirikare ba Ukraine bagisubiranye.

Perezida wa Komisiyo y’ishirahamwe rya Buraya, Ursula von der Leyen nawe yashikirije ubutumwa kuri Twitter kuri uyu wa mbere ko ishirahamwe rya Buraya rizorungika abakora amatohoza muri Ukraine kumufasha gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara.
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagendeye iki gisagara ca Bucha kuri uyu wa mbere, abwira abanyagihugu biwe kuri televiziyo y’igihugu ko ubu bigiye kutoroha kuganira kugira intambara n’Uburusiya ihagarare mu gihe ibi vyaha vyakozwe n’abasirikare b’Uburusiya bigaragaye.

Uburusiya bwarahakanye ibi vyagiriji ko bwishe abasivile muri Bucha. Umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire n’ayandi makungu Sergey Lavrov yavuze ko ibiriko birerekanwa mu micungararo ya Kiev ari agasomborotso kerekana urwanko ibihugu vyo mu burengero bifitiye Uburusiya.
Igihugu ca Lituwaniya caciye cirukana ambasaderi w’Uburusiya ari Vilnius conger gihamagaza uwaco ari i Moscou. Muri ico gihe nyene, Ubufaransa n’Ubudagi bivuga ko bigiye kwirukana abadiplomate b’Uburusiya bari mu bihugu vyabo.
Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading