Seen by: 26,810
Umusirikare wa Ukraine ahagaze ku gifaru catswe AbarusiyaIngabo z’Uburusiya “ziriko ziriyegeranya ziga n’akarere” mu nteguro y’igitero co kwigarurira intara ya Donbas iri mu buseruko bwa Ukraine, irimwo uturere twa Donetsk na Luhansk, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Ukraine ku musi ugira 42 iyi ntambara itanguye. Iri tangazo rivuga kandi ko: -Intumbero nyamukuru y’ingabo z’Uburusiya ari “ugusatira ingabo za Ukraine” zicungereye akarere ka Donesk. -Ingabo z’Uburusiya ziriko ziragerageza kandi kwigarurira igisagara ca Mariupol -Ingabo z’Uburusiya zibandanya zicucagira ibibombe igisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine -Ingabo z’Uburusiya kandi ziriko zikoresha ibarabara ry’indereyi mu kwimura ibikoresho vya gisirikare ningoga. Ibirwanisho n’ibindi bikoresho vyashitse ku gituro ca gari ya moshi ca Kupyansk mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine bivuye i Valuyki mu karere ka Belgorod mu Burusiya. -Ingabo za Ukraine zisubije ikigwati ca Osokorivka kiri hafi y’igisagara ca Kherson mu bumanuko bwa ukraine cari cigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya. URTV ntirashobora guhinyuza aya makuru.Mu ntara ya Donbas: -Ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu bariko baragerageza guhunga imbere y’igitero c’Uburusiya citezwe umwanya n’umwanya mu buseruko bwa Ukraine. -Abategetsi ba Ukraine bariko batera akamo abanyagihugu baba muri ako karere “gufata aka karyo” kugira bahunge “ibintu bikiri vyiza”. -Ingabo z’Uburusiya ziriko zigerageza kuzingira ingabo za Ukraine kugira ngo zigarurire intara yose ya Donbas – igizwe n’uturere twa Donetsk na Luhansk. -Mu gihe intambara iriko yimukira mu buseruko, Amerika ivuga ko ingabo z’Uburusiya zamaze kuva mu turere two mu micungararo ya Kyiv na Chernihiv.Mu tundi turere twa Ukraine -Abantu barenga 400 babuzwe irengero mu gisagara ca Hostomel nk’uko bivugwa n’umutegetsi wo muri ico gisagara. Iki gisagara carasinzikajwe cane n’igitero c’Uburusiya mu gihe bwariko bugerageza gusatira umugwa mukuru Kyiv, co kimwe na Bucha na Irpin. -Abacitse kw’icumu i Bucha barabandanya bavuga amahano babonye, aho abaharurwa mu majana bavugwa ko bishwe n’abasirikare b’Uburusiya. -Perezida Volodymyr Zelensky mu gatondo ko kuri uyu wa kane yaneguye ibihano amakungu afatira Uburusiya akavuga ko ata karusho bizana, ko ahubwo biha “uburenganzira” abateye igihugu ciwe kubandanya ibitero vyabo. -Perezida vladimir Putin wewe yivugira ko ibi bihano ari ikiguzi igihugu ciwe gitegerezwa gutanga mu kurwanira ubwigenge bwaco. Igitoro c’Uburusiya gitegerezwa gufatirwa ibihano – Zelensky Perezida Volodomyr Zelensky wa Ukraine yakirije yompi ibihano bisubiriye gufatirwa Uburusiya, ariko akavuga ko bidakwiye. Mu butumwa yashikirije mu gatondo ko kuri uyu wa kane aciye ku buhinga bwa bidewo, Zelensky yasavye ibihugu vyo mu burengero gushika kure bagahagarika no gukoresha igitoro c’Uburusiya. Avuga ko abanyagihugu ba Ukraine bariko barahona kubera vyanse ko Uburusiya bufatirwa ibihano. Uburusiya kiza ubugira gatatu kw’isi mu bihugu vyimbura igitoro, aho ikirenga inusu y’ico bugurisha hanze kija i Bulaya. Mu gitoro cose Ubwongereza bukoresha mu gihugu, 8% kiva mu Burusiya, mu gihe Amerika nayo igura 3% mu Burusiya. Zelensky avuga ko Uburusiya bwungukira cane mu rucuruza rw’igitoro hanze ku buryo bwumva ko ata kamaro ko kwitwararika ibiganiro. Ashimangira kandi ko amabanki y’Uburusiya akwiye gukurwa burundu mw’ihanahana ry’amafaranga ku rwego mpuzamakungu.
Mu mafoto ingene ibintu bimeze
Igisagara ca Borodyanka giherutse kwisubizwa n’ingabo za Ukraine
Inyubakwa yari ituwemwo n’abantu yasambuwe i Borodyanka
Ejo ku wa gatatu, ababa mu gisagara ca Bucha bazungurutse mu mabarabara baraba ingene igisagara cabo casambutse
Umugore aba i Bucha ariko aririra ku mva y’umuhungu wiwe yagandaguwe
Abanya Ukraine bakoraniye ku rubibe rwa Amerika ma Mexique barindiriye kwinjira muri Amerika
Amerika iragabisha Ubuhindi
Umuhanuzi mukuru wa Perezida Joe Biden mu vyo ubutunzi avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije Ubuhindi ko butorondera gukorana mu buryo bwa hafi cane n’Uburusiya inyuma y’igitero bwakoze muri ukraine.
Ejo ku wa gatatu, Umuyobozi w’inama nkuru y’igihugu ijejwe ubutunzi muri Maison Blanche, Brian Deese, yabwiye abanyamakuru ati:
“Ubutumwa twahaye reta y’Ubuhindi ni uko ikiguzi n’ingaruka kuri bo mu gihe bokwiyegereza Uburusiya mu buryo bweruye bizoba bikomeye kandi vy’igihe kirekire”.
Ubuhindi bugurira ibikoresho vya gisirikare hafi vyose mu Burusiya Yongerako ati: “Hariho ivyo tutishimiye mu ngingo zagiye zifatwa n’Ubushinwa be n’Ubuhindi ku bijanye n’iki gitero”. Ubuhindi bwaranse gufatira ibihano Uburusiya nk’uko ibindi bihugu vyabikoze. Iki gihugu gifatwa na Amerika nk’igishobora guhangara Ubushinwa mu twigoro twabwo two gutsimbatara muri Aziya, nico gihugu ca mbere kigurira ibirwanisho mu Burusiya, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Bloomberg. Ibi bije inyuma y’urugendo rw’icegera c’umuhanuzi w’igihugu mu vyo umutekano Daleep Singh yakoze mu Buhindi mu ndwi iheze.