HOSPITALITE Home » Russia - Ukraine: Amwe mu makuru womenya none kuwa gatatu kuri iyi ntambara

Russia - Ukraine: Amwe mu makuru womenya none kuwa gatatu kuri iyi ntambara

Spread the love
Rate this post
Zelensky avuga ko Uburusiya bumaze gutakaza ibitagira urugero kuva intambara yaduka

Umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky avuga ko ingabo z’Uburusiya gushika ubu zimaze gutakaza “ibitagira urugero” kuva butanguye igitero cabwo, haraciye imisi 48.
Mu butumwa yasohoye aciye kuri videwo, Zelensky avuga ati: “Muribuka ingene Uburusiya bwirata ko bwari kuba bwafashe Kyiv mu masaha 48? Mu masaha 48 yavuyemwo imisi 48, igisirikare c’Uburusiya kimaze gutakaza ku rugero rusumba ivyo Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zatakaje mu myaka cumi y’intambara muri Afghanistan”.
Integuro y’ubwa mbere y’Uburusiya y’ugufata bidatevye umugwa mukuru Kyiv igihe intambara itangura ku wa 24 ruhuhuma (2) yaranse, inyuma y’aho ingabo zabwo zinaniwe kubishikako.
Abihweza ibintu n’ibindi babona ko Moscou yasuzuguye inguvu n’ubushobozi bw’igisirikare gito ca Ukraine.

Uburusiya kandi ntibworohewe mu kuronswa ivya nkenerwa. Ingabo zahuye n’ikibazo co kubura igitoro, indya n’amasasu. Imodoka zarapfuye ziratabwa, hanyuma za tingatinga za ukraine zikaba ari zo zaje kuzikwega zirazitwara.
Ingabo z’Uburusiya zose ubu zaramaze kuva mu micungararo y’umugwa mukuru Kyiv ubu zikaba ziriko ziriyubaka mu turere twa Donetsk na Luhansk turi mu buseruko.

Ibigendajuru vyerekana ingabo z’Uburusiya ziriko ziyegeranya

Amakuru hamwe n’amasanamu y’ibigendajuru yerekana ko Uburusiya buriko burarundarunda ingabo n’ibikoresho n’imiburiburi mu bibanza bitatu biri ku rubibe rwa Ukraine: mu turere twa Belgorod na Voronezh, hamwe no mu micungararo y’igisagara ca Matveev Kurgan amaja mu bumanuko.

Hagati muri Ukraine, Uburusiya burakomeje ibitero mu micungararo ya Izyum bukaba buriko butegura igitero mu bumanuko kugira bwigarurire Slovyansk, nk’uko bivugwa n’ikigo gishinzwe ubushakashatsi ku bijanye n’intambara (Study of War).

Mu gihe vyokunda, ingabo z’Uburusiya zokworoherwa mu gusatira ingabo za Ukraine ziri mu buseruko canke mu bumanuko bushira ubuseruko.

Mu gihe zokwigarurira Mariupol, ingabo z’Uburusiya zoca zitangura gutera zija mu buraruko kugira zizingurize rwose ingabo zitari nke za Ukraine.

Zimwe mu ngabo zimenyereye intambara kandi zifise ibikoresho bikomeye zivugwa ko ziri mu buseruko.

Ziratsimbataye ku birindiro vyazo, abihweza ibintu n’ibindi bakabona ko abasirikare b’Uburusiya bashobora kutoroherwa kuzomora.

Ibintu bishobora kumera gute mu buseruko?
Mu gihe hitezwe igitero gishasha c’Uburusiya mu ntara ya Donbas iri mu buseruko, Dr Aglaya Snetkov, Umurusiyakazi w’umuhinga mu bijanye n’umutekano, ku bijanye n’ingene intambara ishobora kugenda muri ako karere, ashikiriza uko abibona.

Uburusiya buzokora gute?

Snetkov ati: “Ubu turiko tubona intambara yo gusambura igenda bukebuke”.

“Abarusiya bazokwibanda ku gusambura ibirindiro vy’ingabo za Ukraine hamwe n’inyubakwa”.

Uyu mupfasoni avuga ko Putin azotera ava mu majaruguru no mu gisagara ca Mariupol kiri mu bumanuko – asatira kugira ngo aronke ivyo ashaka.

None iyi ntambara izoba imeze gute?

Snetkov yemeza ko Uburusiya bushobora kuzokwibanda cane ku gusambura inyubakwa n’amabarabara y’indarayi, ariko afise ubwoba ko hashobora no kuzoba abasivire bahasiga ubuzima.

“Gushika ubu, ntituramenya nimba bategura kwigarurira uturere two mu buseruko mu kuducucagira amabombe”.

Avuga ko bizofata igihe kugira ngo ibikoresho vya gisirikare biremereye bishike i Donbas, cane cane mu gihe vyoba ari ibizova muri Bielorussie canke mu Burusiya.

Ingene ibintu bishobora guhinduka

Hagati aho, avuga ko ibikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya ubu bishobora gufata umurongo mwiza gusumba, inyuma y’igenwa rya Jenerali Alexander Dvornikov ngo arongore iki gitero – aho abajenerali bake ari bo bashobora kurungikwa ku rubuga rw’intambara.

Ati: “Ikintu gitangaje ni uko gushika ubu Abarusiya ata wurongoye intambara bari bafise, canke nibura ntitwari tuzi uwo ari we”.

Amashusho y’ibigendajuru aheruka kwerekana urukurikirane rw’imodoka za gisirikare rw’ibirometero hafi 13 zica mu gisagara ca Velykyi Burluk muri Uiraine, mu karere ka Khrkiv mu buraruko bwa Donbas

….next…..

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading