HOSPITALITE Home » Nigeria: abitwaje ibirwanisho bishe 25 mw’isengero ya Katolika

Nigeria: abitwaje ibirwanisho bishe 25 mw’isengero ya Katolika

Spread the love
1/5 - (1 vote)
Iyi sanamu yerekana imbere mw’isengero yafashwe inyuma y’ico gitero
italiki 6 Ukwa gatandatu 2022


Abantu bitwaje inkoho baraye bagandaguye abantu n’imiburiburi 25 bari gusenga mu gitero cabereye mw’isengero mu ntara ya Ondo iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Nigeria.

Perezida Muhammadu Buhari avuga ko iki “gikorwa c’ubuhemu” gishobora kuba cakozwe “n’ibisizimwe vy’ibinyakuzimu”.
Aba bantu bitwaje ibirwanisho binjiye mw’isengero ryitiriwe umweranda Francisko (St Francis Catholic) mu gisagara ca Owo mu gihe abakirisu bari mu misa ejo ku wa Mungu, baca barasa mu bantu bananyuruza umupatiri hamwe n’abandi bakirisu, nk’uko bivugwa n’ababibonye.

Muri ano mezi ya vuba, ubugizi bwa nabi bwagiye bwiyongera muri Nigeria.
Mu gihugu cose haravugwa ibitero n’abantu banyuruzwa.
Abategetsi bavuga ko igitigiri c’abaguye n’abakomerekeye muri iki gitero gishobora kwiyongera.
Umuganga akora ku bitaro vyo muri ako karere yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters avuga ko “yakiriye abantu batari bake bapfuye bashikanywe kwa muganga”.

Inyuma yo kwishikira kuri iryo sengero n’ivyo bitaro, umushingamateka wo muri iyo ntara Ogunmolasuyi Oluwole yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press ko mu bapfuye harimwo n’abana.
Mu rukurikirane rw’ubutumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, Buramatari wa Ondo, Rotimi Akeredolu, yavuze ko iki ari “igitero c’ubugome cakozwe n’abiziziwe na shetani” ku nzirakarengane.
Asaba abanyagihugu gutekana ntibahave bifatira amategeko mu minwe.
Amaze kubwirwa ingene vyagenze, yavuze ati: “Aba bicanyi bazohigishwa urushinge kandi bishure ibi vyaha vyabo”.

Kunyuruza abantu bireze cane muri Nigeria

Mw’ijambo ryiwe, Perezida Buhari yavuze ati: “Ivyo ari vyo vyose, iki gihugu ntigishobora kumanika amaboko imbere y’abicanyi n’abanyenzigo”.
Uwu niwo mwaka wa nyuma w’ibiringo bibiri vy’ubutegetsi bwiwe  akaba anegurwa ko yananiwe no gutorera umuti ibibazo vy’umutekano w’igihugu.
Nta muntu canke umurwi n’umwe uriyitirira iki gitero, ariko Nigeria ihanganye n’ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho bigenda vyiyongera, nk’uko bivugwa n’umunyamakuru Chris Ewokor ari ku mugwa mukuru Abuja. Ariko intara ya Ondo gushika ubu yari itekanye.

Hari haciye indwi imwe neza na neza umukuru w’ishengero rya Methodist muri Nigeria anyurujwe ari kumwe n’abandi basangiye uburongozi bwaryo babiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.
Uyu mutegetsi w’ishengero rya Methodist yavuze ko yatanze amadorari y’abanyamerika 240.000 kugira ngo we na bagenziwe barekurwe.

Haraciye indwi zibiri abapatiri b’abakatolika banyurujwe  mu ntara ya Katsina, ari naho Perezida Muhammadu Buhari asanzwe yamuka. Gushika ubu ntibararekurwa.
Mu kwa gatatu, abitwaje inkoho barateye ibarabara ry’indarayi rifatanya Abuja n’igisagara co mu buraruko ca Kaduna, bica abantu n’imiburiburi icenda bongera banyuruza n’abandi batari bake, abenshi muri bo bakaba bakiri mu minwe yabo.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading