
Kuva mu ntango z’ino ndwi mu karere ka Rutshuru mu buseruko bwa Kongo abarwanyi b’umugwi M23 n’igirisikare ca Kongo, FARDC, bariko baratana mu mitwe.
Iyo mirwano iramaze gutuma ibihumbi vy’abanyagihugu bahungira mu gihugu kibanyi ca Uganda, abandi benshi nabo bahungira mu yindi mihingo ya Kongo nyene.
M23 na FARDC bose batungana urutoke ku bijanye n’uwatanguye gutera uwundi, ibintu bikaba vyaje kwunyuka aho harasiwe indege ya MONUSCO yariko iragenzura akarere kaberamwo imirwano, hagapfa abasirikare bayo umunani.
Ariko uno munsi, igisirikare ca Uganda catangaje ko abarwanyi ba M23 bateye muri Uganda bagasubizwa inyuma, hagira abafatwa hamwe n’abahasiga ubuzima.
Ivyo BBC ducyesha iyi nkuru yabibwiwe n’umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Brigadier Jenerali Felix Kulaigye,
NewLatter Application For Free