HOSPITALITE Home » Uganda ivuga ko yivunye igitero ca M23

Uganda ivuga ko yivunye igitero ca M23

Spread the love
Rate this post
Mu gihe imirwano ivugwa mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo hagati ya FARDC na M23, Uganda ihana urubibe na Kongo ivuga yuko hari abarwanyi ba M23 bayiteye ikabivuna.

Kuva mu ntango z’ino ndwi mu karere ka Rutshuru mu buseruko bwa Kongo abarwanyi b’umugwi M23 n’igirisikare ca Kongo, FARDC, bariko baratana mu mitwe.
Iyo mirwano iramaze gutuma ibihumbi vy’abanyagihugu bahungira mu gihugu kibanyi ca Uganda, abandi benshi nabo bahungira mu yindi mihingo ya Kongo nyene.
M23 na FARDC bose batungana urutoke ku bijanye n’uwatanguye gutera uwundi, ibintu bikaba vyaje kwunyuka aho harasiwe indege ya MONUSCO yariko iragenzura akarere kaberamwo imirwano, hagapfa abasirikare bayo umunani.
Ariko uno munsi, igisirikare ca Uganda catangaje ko abarwanyi ba M23 bateye muri Uganda bagasubizwa inyuma, hagira abafatwa hamwe n’abahasiga ubuzima.

Ivyo BBC ducyesha iyi nkuru yabibwiwe n’umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Brigadier Jenerali Felix Kulaigye,

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading