HOSPITALITE Home » Burundi: Adrien Nimpagaritse yemereye imfashanyo impunzi za Ukraine yahatswe kunyuruzwa

Burundi: Adrien Nimpagaritse yemereye imfashanyo impunzi za Ukraine yahatswe kunyuruzwa

Spread the love
Rate this post
Adrien Nimpagaritse avuga yuko azi ingene kuba impunzi bibaba

Abo bantu bataramenyekana, bari mu modoka ifise imparati ya reta, bamusaba ko bavuganira ahantu hinyegeje ngo kuko abategetsi badashaka ko bababona.
Nimpagaritse avuga ko amaze kubona imodoka barimwo ifise ibiyo bitabona n’imparati yayo yaciye akebwa.
Agira ati: “Barampamagaye bambwira ko bakorera BBC, bambwira n’aho nobasanga kandi ko twoja ahatabona kuko ngo abategetsi badashaka ko mvugana n’abamenyeshamakuru.
“Maze kubona ko imodoka barimwo ifise ibiyo bitabona kandi ifise imparati za reta, narakebwe, ndabasaba ko twokwegera ahari abantu. “Bansavye ko noza nkinjira mu modoka tukajana, ndababwira ko jewe ngenda n’amaguru.”

Uwo mugabo yahoze ari mpunzi mu gihugu ca Tanzania, yemereye imfashanyo y’ibiro 100 vy’ibigori impunzi za Ukraine, avuga ko yaciye agenda ahagarara iruhande y’imihana y’abantu, mw’ikorosi aho bavuganye ko bahurira.
Abo bantu bari mu modoka n’ubu bataramenyekana, bamusavye ko yokwinjira mu modoka ngo bavuganireyo, na we aranka.
Ati: “Bansavye ko ninjira mu modoka ngo tuvuganireyo, buno nyene nca mbona umupolisi bari kumwe agana aho ndi ashaka kumfata nca ndiruka.
“Ivyo vyabaye ku murango abantu babona, baranatangara.”

Abimenyesheje abategetsi babivuzeko iki?

Adrien Nimpagaritse avuga ko kuva ku musi wa kane itariki 7 z’ukwezi kwa kane yaciye akinjura yasubiye kugaruka muhira ku musi wa mungu itariki 10.

Avuga ko yahamagaye Buramatari w’intara ya Ruyigi amusigurira ivyamushikiye uwo na we amusaba ko yoja kwa musitanteri. Ariko ngo nta ho yaroye.

Agira ati: “Kubera ubwoba, naratinye kuja kwa Musitanteri kuko numvirije ivyo abo bashaka kunyuruza bambarira vyagaragara ko babizinanyemwo n’abategetsi.

“Musitanteri na Buramatari ni bo batanze itegeko ko habanza kuba amatohoza imbere y’uko imfashanyo nemeye itangwa.

“Baratumye n’umukuru w’umutumba kubaza umupfasoni wanje ko yemera ko ntanga ivyo bigori, arabibemerera. Ubwa mbere barandekurira kubitanga, ariko bukeye musitanteri yisubirako.

“N’inyuma yo kubasigurira ko iyo mfashanyo izoca itangwa ku banyagihugu ba ntahonikora bari muri komine ya Butaganzwa ata handi izojanwa, hanyuma amahera iciye akaba ari yo arungikwa gufasha impunzi za Ukraine, baravyanse.”

BBC yarondeye abo bategetsi kugira bagire ico babivugako ariko ntirabaronka.

Adrien Nimpagaritse ubu yaragarutse mu muryango wiwe, ariko avuga ko afise ubwoba kubera umutekano wiwe.

Ishirahamwe Federation Lutherienne Mondiale ryari ryiyemeje gutora iyo mfashanyo no kuyishikanira impunzi za Ukraine, ntiryabaye rikirangura ico gikorwa cari gitegekanijwe ku wa gatandatu itariki 9 z’ukwezi kwa kane.

Iciyumviro co gufasha impunzi za Ukraine camujemwo gute ?

Amasanamu yacanacanyeko kuri internet na television yerekana amagorwa impunzi za Ukraine zirimwo nyuma y’igitero c’Uburusiya, yatumye benshi kw’isi bagwa mu kantu.

Muri abo bakozweko n’amagorwa y’izo mpunzi harimwo Adrien Ntimpagaritse, akaba yarahoze ari impunzi mu gihugu ca Tanzania.

Adrien yabwiye ikiganiro Imvo n’Imvano ca BBC Gahuzamiryango yuko azi neza ingene bibabaza kuba impunzi.

Yavuze yuko naho ata butunzi bwinshi afise, ashaka gufasha izo mpunzi za Ukraine mu kuzironsa ibiro ijana ku mw’imbu wiwe w’ibigori.

Iyo nkuru ikimenyekana, bamwe bagize bati kuki atobifashisha abo mu Burundi ko hari benshi babikeneye, abandi nabo bati uwo mutima wo gufasha ugizwe na benshi isi yotora akoyoko.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading