KIRUNDIGuterres Avuga ko Yababajwe n'Ubwicanyi Bwakozwe n'Inteko za MONUSCO muri Kongo admin2 years ago1 year ago02 mins Spread the love Seen by: 1,260 Rate this post Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio GuterresUmunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu w’Imana ko ababajwe cane n’abantu babiri bishwe n’inteko za ONU muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Inteko za MONUSCO ziregwa kuba kuri uyu w’Imana zaracucagiye amasasu mu banyagihugu, mu buseruko bwa Kongo, hafi y’urubibe ico gihugu gihana na Uganda. Hambavu y’abo bishwe, abandi batari bake barakomeretse.Izo nteko za MONUSCO, zaremeye ko bamwe muri bo barashe abantu ata mvo na zimwe zisobanutse. MONUSCO yongeyeko ko abakekwa gukora ubwo bwicanyi bahagaritswe.ONU ivuga ko yashimishijwe n’ingingo yafashwe n’intumwa yayo muri Kongo, yo guhagarika abakozi bayo bagirizwa ubwo bwicanyi hamwe n’ingingo yo gutanguza bidatevye amatohoza.Abo benegihugu babiri ba Kongo barasiwe mu gisagara ca Kasindi, kiri mu buseruko bw’igihugu, mu ntara ya Beni, ku rubibe na Uganda.Umuvugizi wa reta muri Kongo, Patrick Muyaya, yavuze ko igihugu ciwe giteye ivyatsi kandi kibabajwe n’abo benegihugu baco babiri bishwe n’abandi 15 bakomeretse.Reta yavuze ko yatanguje amatohoza ifatanije na MONUSCO, kugira imenye ababigizemwo uruhara, icatumye ubwo bwicanyi buba, kandi n’abagirwa bazohanwe ivy’akarorero. NewLatter Application For Free First name Last name Email I'm Not specifiedWomanMan I accept the privacy policy Post navigation Previous: RDC: Imyigaragambyo yo Kwamagana Ingabo za MONUSCO Yageze Muri BeniNext: Watching al-Qaida Chief's 'Pattern of Life' Key to His Death
Agahinda k'ubusage bwiwe -umunyamideri wo muri Uganda yabumowe mw'ibohero admin6 months ago6 months ago 0
Burundi: Abavyeyi bariruhutsa ku bw'umugambi wo kugaburira abana ku mashure admin10 months ago6 months ago 0