KIRUNDI Guterres Avuga ko Yababajwe n'Ubwicanyi Bwakozwe n'Inteko za MONUSCO muri Kongo August 1, 2022 Spread the love Seen by: 1,260 Rate this post Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio GuterresUmunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu w’Imana ko ababajwe cane n’abantu babiri bishwe n’inteko za ONU muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Inteko za MONUSCO ziregwa kuba kuri uyu w’Imana zaracucagiye amasasu mu banyagihugu, mu buseruko bwa Kongo, hafi y’urubibe ico gihugu gihana na Uganda. Hambavu y’abo bishwe, abandi batari bake barakomeretse.Izo nteko za MONUSCO, zaremeye ko bamwe muri bo barashe abantu ata mvo na zimwe zisobanutse. MONUSCO yongeyeko ko abakekwa gukora ubwo bwicanyi bahagaritswe.ONU ivuga ko yashimishijwe n’ingingo yafashwe n’intumwa yayo muri Kongo, yo guhagarika abakozi bayo bagirizwa ubwo bwicanyi hamwe n’ingingo yo gutanguza bidatevye amatohoza.Abo benegihugu babiri ba Kongo barasiwe mu gisagara ca Kasindi, kiri mu buseruko bw’igihugu, mu ntara ya Beni, ku rubibe na Uganda.Umuvugizi wa reta muri Kongo, Patrick Muyaya, yavuze ko igihugu ciwe giteye ivyatsi kandi kibabajwe n’abo benegihugu baco babiri bishwe n’abandi 15 bakomeretse.Reta yavuze ko yatanguje amatohoza ifatanije na MONUSCO, kugira imenye ababigizemwo uruhara, icatumye ubwo bwicanyi buba, kandi n’abagirwa bazohanwe ivy’akarorero. Continue Reading Previous Somaliya: Abagera kuri 5 Baguye mu Gitero ca Al-ShababNext DRC: Reta Ishobora Gufata Ingingo yo Kwirukana Ingabo za MONUSCO Plus d’histoires KIRUNDI Ido n’ido ry’amabi abari ‘intumwa’ za TB Joshua bavuga ko yabakoreye January 8, 2024 FR KIRUNDI Amerika itewe impungenge n'akamo ka prezida w'Uburundi ko kwica abahuza ibitsina babisangiye January 8, 2024 C.Général FR KIRUNDI Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris November 20, 2023