HOSPITALITE Home » Russia: Imigumuko yahagaze, Wagner yasubiye inyuma

Russia: Imigumuko yahagaze, Wagner yasubiye inyuma

Spread the love
Rate this post

Ya migumuko yari ihanze Perezida Vladimir Putin mu Burusiya yaraye ihagaze inyuma y’aho umukuru wa Wagner Yevgeny Prigozhin ategekeye ingabo ziwe gusubira inyuma.

Imbere y’amasaha 24 batanguye iyi migumuko, abarwanyi ba Wagner baciye batangura kuva mu gisagara ca Rostov-on-Don nijoro ku wa gatandatu.

Prigozhin yavuze ko yategetse abarwanyi biwe gusubira muri Ukraine kugira ngo amaraso ntaseseke.

Wewe azoca yimukira mu gihugu kibanyi ca Biélorussie/Belarus kandi we n’abarwanyi biwe nitbazoba bagikurikiranwa ku vyaha vy’ubuhemu bari bagirijwe, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya reta.

Ibi bikaba bisigura ko akajagari kari kamaze umusi mu Burusiya karangiye.

Wagner ni umuhari wigenga w’abacangero ufatanya n’ingabo z’Uburusiya mu ntambara muri Ukraine.

Hari haciye igihe hari icuka kibi hagati y’izi mpande zibiri kubera ukutumvikana ku kungene intambara iriko irarwanywa, aho Prigozhin yari amaze amezi atari make anegura bikomeye uburongozi bw’igisirikare.

Ibintu vyatanguye mu gatondo k’ejo ku wa gatandatu, aho aba bacangero ba Wagner bajabuka urubibe bavuye mu makambi yabo yo ku rubuga rw’intambara muri Ukraine bakinjira mu gisagara ca Rostov-on-Don kiri mu bumanuko.

Ibintu vyagiye ku muvuduko udasanzwe ku buryo bashotse bigarurira ibigo vya gisirikare vyo muri ico gisagara, haciye akanya gato bigarurira kandi n’ivyo mu gisagara ca Voronezh, ikindi gisagara kiri mu buraruko utera uja ku mugwa mukuru Moscou.

Aba barwanyi baciye batangura gutera baja ku mugwa mukuru, ivyatumye Kremlin ifata ingingo ruhasha z’umutekano mu ntara zitari nke, harimwo na Moscou nyene, aho umukuru w’igisagara yategetse abanyagihugu bahaba kwirinda ingendo.

Haciye haba kandi ukugabisha ko ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo zidasanzwe za Tchetchenie/Chechnya zariko ziraduka zija ku mugwa mukuru Moscou kugira ngo bibaye ngombwa zihangane n’aba barwanyi ba Wagner.

Mw’ijambo ryiwe, Perezida Vladimir Putin yari yatangaje ko azohana abo bose “bahemukiye” Uburusiya.

Amasezerano yo guhagarika imishamirano yaje kuba nijoro ku wa gatandatu mu masaha yitereye, inyuma y’ibiganiro hagati y’umukuru w’igihugu ca Biélorussie, Alexander Lukashenko, na Prigozhin, nk’uko bitangazwa n’imboneshakure yo mu Burusiya Rossiya 24.

Haciye amasaha make, hasohotse amavidewo yavugwa ko yerekana ingabo za Wagner ziriko ziva muri Rostov, umukuru wabo nawe nyene asezerwa n’abashigikiye umuhari wiwe.

Yevgeny Prigozhin yafashwe isanamu ariko arava muri Rostov-on-Don, aho bamwe bifotozanya nawe abandi bamukora mu minwe
Abarwanyi ba Wagner bariko barava ku cicaro c’igisirikare ca Rostov-on-Don

Ibintu vyatanguye mu gatondo k’ejo ku wa gatandatu, aho aba bacangero ba Wagner bajabuka urubibe bavuye mu makambi yabo yo ku rubuga rw’intambara muri Ukraine bakinjira mu gisagara ca Rostov-on-Don kiri mu bumanuko.

Ibintu vyagiye ku muvuduko udasanzwe ku buryo bashotse bigarurira ibigo vya gisirikare vyo muri ico gisagara, haciye akanya gato bigarurira kandi n’ivyo mu gisagara ca Voronezh, ikindi gisagara kiri mu buraruko utera uja ku mugwa mukuru Moscou.

Aba barwanyi baciye batangura gutera baja ku mugwa mukuru, ivyatumye Kremlin ifata ingingo ruhasha z’umutekano mu ntara zitari nke, harimwo na Moscou nyene, aho umukuru w’igisagara yategetse abanyagihugu bahaba kwirinda ingendo.

Haciye haba kandi ukugabisha ko ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo zidasanzwe za Tchetchenie/Chechnya zariko ziraduka zija ku mugwa mukuru Moscou kugira ngo bibaye ngombwa zihangane n’aba barwanyi ba Wagner.

Mw’ijambo ryiwe, Perezida Vladimir Putin yari yatangaje ko azohana abo bose “bahemukiye” Uburusiya.

Amasezerano yo guhagarika imishamirano yaje kuba nijoro ku wa gatandatu mu masaha yitereye, inyuma y’ibiganiro hagati y’umukuru w’igihugu ca Biélorussie, Alexander Lukashenko, na Prigozhin, nk’uko bitangazwa n’imboneshakure yo mu Burusiya Rossiya 24.

Haciye amasaha make, hasohotse amavidewo yavugwa ko yerekana ingabo za Wagner ziriko ziva muri Rostov, umukuru wabo nawe nyene asezerwa n’abashigikiye umuhari wiwe.

Ignore ce message si tu es déjà membre !

pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading