HOSPITALITE Home » 'Umuntu yibanye wenyene igihe kirekire kw'isi' yapfuye

'Umuntu yibanye wenyene igihe kirekire kw'isi' yapfuye

Spread the love
Rate this post
Mu 1998, uwo muntu yarafashwe isanamu ariko aragwana n’igikoko mw’ishamba

Umuntu wa nyuma yari asigaye mu mugwi umwe w’abantu b’abasangwabutaka muri Brezil yapfuye nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.
Uwo mugabo ataramenyekana izina, yari amaze imyaka 26 yibana.
Yari azwi kw’izina rya”Umuntu wa mbere yibana wenyene kw’isi” kubera yimvye ibinogo birebire, bimwe bimwe yakoresha mu gutega ibikoko, mu gihe ibindi wasanga binyegeje.

ikiziga ciwe catowe itariki 23 z’ukwezi kw’umunani mu vyatsi imbere y’akaruri kiwe yari yubakishije ivyatsi. Nta kintu na kimwe cerekana ko hoba hariho abahagwaniye.

Uwo muntu yari uwa nyuma mu mugwi w’abasangwabutaka, aho abandi bantu batandatu b’uwo mugwi wiwe bari basigaye bishwe mu 1995. Abo bantu babaye mu karere k’aba Tanaru mu ntara ya Rondônia, ihana urubibe na Bolivia.
Vyibazwa ko benshi mubo mu bwoko bwiwe bishwe kera nko mu myaka ya 1970 n’aborozi bashaka kwagura aho baragira.
Uwo muntu yari afise imyaka nka 60 yazize urupfu rusanzwe.

Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko hari uwamutseye aho yaba kandi nta kntu na kimwe cononekaye aho yaba, nk’uko bivugwa n’abategetsi, ariko n’aho biri uko igipolisi kizopima ikiziga ciwe.

Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro rya Brezil, abantu b’abasangwabutaka barafise uburenganzira ku matongo yabo, rero abashaka kuyabatwara ni bo baca babica.

“Uwo muntu yibana wenyene” yahora ucungerewe kubera umutekano wiwe n’abantu bo mu gisata ca Brezil kijejwe abasangwabutaka kuva mu mwaka wa 1996.

Mu 2018, umuntu umwe yarigeze kumufata isanamu igihe yariko aragwana n’igikoko co mw’ishamba.

Kuri iyo foto, aboneka ariko ararunguruka ku giti, afise ikintu kimeze nk’ishoka.

Kuva ico gihe ntiyasubiye kumenya amakuru yiwe ariko abategetsi baratemberereye ako karere yahora bamwo karimwo ibinogo binini yagiye yimba.

Ivyabonetse muri ako karere yahora abamwo biragaragaza ko yarimye ibigori n’ivyamwa nk’ibipapari n’ibitoke.

Muri Brezil, hari ubwoko bw’abasangwabutaka bashika 240, bwinshi muri bwo bukaba buri mu kuzimangana kubera abimba ubutare batabifitiye uruhusha, abicira ibiti hamwe n’abarimyi.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading