HOSPITALITE Home » Korea ya Ruguru ivuga ko misire zarashwe kwari ukwigana igitero ca nikleyeri kuri Korea y’Epfo

Korea ya Ruguru ivuga ko misire zarashwe kwari ukwigana igitero ca nikleyeri kuri Korea y’Epfo

Spread the love
Rate this post
Korea ya Ruguru ivuga ko urukurikirane rw’ibisasu vya misire iherutse kurasa kwari “ukwigana” igitero ca nikleyeri kuri Korea y’Epfo.
Ibi bibaye mu gihe igendereza rivuga ko Korea ya Ruguru iriko itegura kugerageza ikirwanisho cayo ca nikleyeri mu myaka itanu.
Mu ndwi ziheze, Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yarashe ibisasu vya misire incuro indwi mu kwihora imyimenyerezo rusangi yariko ikorwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika iri kumwe na Korea y’Epfo.
Kuri uno wa mbere, ibinyamakuru vya reta vyatangaje amakuru aramvuye avuga ko izo misire zari izo gutwara ibirwanisho bito bito vy’ubumara.

Izi ni misire ziraswa hafi zikoreshwa ku rugamba.
Bivuga ko abasirikare  bashoboye kwigana ibitero vyo ku birindiro vya gisirikare, ibivuko n’ibibuga vy’indege vya Korea y’Epfo, kandi ko ibi bisasu kwari ukugabisha Amerika na Korea y’Epfo.
Itororokanirizo ry’amakuru KNCA ryegukira reta ryasohoye amasanamu y’indongozi Kim Jong-un ahagarikiye ibi bikorwa vyo kurasa ibi bisasu.


Ibinyamakuru vya reta vyasohoye amasanamu y’indongozi Kim Jong-un ahagarikiye ibi bikorwa vyo kurasa ibi bisasu
Insiguro y’isanamu,Ibinyamakuru vya reta vyasohoye amasanamu y’indongozi Kim Jong-un ahagarikiye ibi bikorwa vyo kurasa ibi bisasu
Abategetsi barongoye ibisata vy’igendereza vya Amerika na Korea y’Epfo bavuga ko vuba Korea ya Ruguru ishobora kugerageza ikirwanisho c’ubumara ubwa mbere kuva mu 2017.
Mu kwezi guheze, KimJong-un yatangaje ko Korea ya Ruguru ari igihugu gitunze ibirwanisho vy’ubumara “ubutagisubira inyuma” ica isubiramwo n’amategeko yayo, kugira ayihe uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho vy’ubumara mu kwikingira igitero kitaraba. Amategeko yahahora yavuga ko ishobora gukoresha ibirwanisho nk’ibi mu gihe honyene yoterwa.
Vyinshi mu bisasu vyarashwe mu ndwi zibiri ziheze vyari bigizwe na za misire ziraswa hafi, vyaguye mu Nyanja iri hagati ya Korea ya Ruguru n’Ubuyapani.
Ariko Korea ya Ruguru yararashe kandi ku wa kabiri  igisasu ca misire iraswa kure gica hejuru y’Ubuyapani.

Muri uno mwaka, Korea ya Ruguru yageragereje misire ku birindiro bitandukanye harimwo ibitererwa kuri gari ya moshi no ku modoka ziri ku rugendo – ibi bigashobora gutuma bitoroha gusambura ibi birwanisho hakoreshejwe ibitero vy’indege, nk’uko abihweza ibintu n’ibindi babivuga.

Ibisasu vyarashwe hagati ya 25 Nyakanda (9) na 09 Gitugutu (10) kwari ukwihora Amerika  yari yarungitse ubwato bwa nikleyeri USS Ronald Reagan mu mazi yo mu kigwa ca Korea, igakorana imyimenyerezo rusangi na Seoul hamwe na Tokyo.

Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko Korea ya Ruguru iriko yihora Perezida Yoon Suk-yeol wa Korea y’Epfo yatowe mu kwa gatanu akaba yabandanije poritike yo guhangana na Korea ya Ruguru hamwe no gukomeza imigenderanire na Amerika.  

Ibisasu biherutse guterwa na Korea ya Ruguru

  • Ku wa Mungu 25 z’ukw’icenda: Misire ya hafi yaratewe umusi umwe inyuma y’aho ubwato bw’intambara bwa Amerika bushikiye mu mazi yo mu micungararo y’ikigwa ca Korea. Cageze ku ntera y’ibirometero 600 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 60 uja hejuru. 
  • Ku wa gatatu 28 z’ukw’icenda: Misire zibiri za hafi zaratewe buca icegera c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kamala Harris agendera Seoul na ka karere katarangwamwo ibikorwa vya gisirikare (DMZ) kagabura Korea y’Epfo na Korea ya Ruguru. Cageze ku ntera y’ibirometero 360 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 30 uja hejuru. 
  • Ku wa kane 29 z’ukw’icenda: Ibisasu bibiri vya misire za hafi vyararashwe inyuma y’aho Harris aviriye muri Korea y’Epfo. Vyageze ku ntera y’ibirometero 300 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 50 uja hejuru.   
  • Ku wa gatandatu 01 z’ukw’icumi: Ibisasu bibiri vya misire za hafi vyararashwe mu gihe hariko habandanya imyimenyerezo rusangi ya Amerika, Korea y’Epfo n’Ubuyapani. Vyageze ku ntera y’ibirometero 400 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 50 uja hejuru. 
  • Ku wa kabiri 04 z’ukw’icumi: Igisasu co ku ntera yo hagati na hagati cararashwe hejuru y’Ubuyapani. Cageze ku ntera y’ibirometero 4500 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 2800 uja hejuru.
  • Ku wa kane 06 Gitugutu: Ibindi bisasu bibiri vya hafi vyarashwe. Vyageze ku ntera y’ibirometero 800 hamwe no ku burebure bw’ibirometero 50 uja hejuru.
  • Ku wa Mungu 09 Gitugutu: ibindi bisasu bibiri biraswa hafi

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading