HOSPITALITE Home » Iyo ufise indero Amafranga asamaza umuntu uyatahura ukiyakubita ijisho.

Iyo ufise indero Amafranga asamaza umuntu uyatahura ukiyakubita ijisho.

Spread the love
Rate this post

Amafranga ukwiriye kwirinda namba ushaka kuganza mukarere k’ubutunzi. Ariko kandi ubona ataco ay’amajambo 7 y’ubwenge akumariye wirenganire k’uko mwenayo ayakeneye.

1. Amafranga uronse mugukina akamari.

Namba ushaka gutera imbere m’ubuzima uze wirinde gukina akamari/urusimbi k’uko atabutunzi uzigera ukurayo bituma uba umwicanyi canke umusuma w’uburyo bwose,
Abamaze kuroranirwa murivyo nibake cane.

2. Amafranga ukura m’ukurangira abandi akazi.
Keshi kwereka abantu akazi hama bakaguhemba n’ivyiza ariko bikaba vyiza cane mugihe ukabereka utarinze kubarihisha k’uko uzobikorera beshi maze hagire abibuka ineza yawe hama bakubesheho usange uravuye m’ubukene. Menya neza ko keshi abantu barondera akazi nt’amafranga baba bafise kubafasha k’ubutu n’ivy’igiciro kinini kuribo.

3. Amafranga y’umuryango.
Keshi iyo wicaye ngaho atakazi ufise maze ukama witeze ibisigi, birarumbisha mbere ugasanga havuyemwo n’ubwicanyi bubi cane. Itege ivy’umuryango ariko kandi ufise n’ivyo ukora hanze, bikwinziriza amafranga.

4. Amafranga utoye umuntu yayataye.
Namba vy’ukuri uri umuntu wizera Imana, ntuze wame wiyumvira ngo nk’ubu notora amafranga!!! k’uko uzoba urumunebwe warurangiranwa

5. Amafranga bakugabiye.
Kwizigira umwana w’umuntu n’ukwitega umutego w’ubuzima, k’uko bizotuma umubuzeko ivyo umwitezeko urwanko uzomwanka ruzoruta URUKUNDO wamukunda. Ja kukivi ukore maze uwuguhezagire azokigusangeko.

6. Amafranga bakuguranye uzosubiza.
Mana yanje!!! namba hariho amafranga akugira umuja w’ijoro (kwama ugenda ubundabuze) n’amafranga wasavye kwingurane, ayayoyo atuma bakunyaga nakazu warufise, n’ivyiza rero gukora n’umwete wawe wose kugira ngo wame uronka ibigukwiriye umusi.

7.Amafranga uronka ubanje kubesha abantu canke umuntu (gufunga ikiwani)
Ay’amafranga nayo umuvumo!!! n’ukuri uwuyarya wese arya umuriro k’uko wankwa n’Imana n’abantu. Turakunzwe cane.

“IVYO DUKORA VYOSE TUBIKORERA M’UBWENGE”

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading