HOSPITALITE Home » PAM Ivuga ko Yarengewe n'Ubwinshi bw'Impunzi z'Abakongomani muri Malawi

PAM Ivuga ko Yarengewe n'Ubwinshi bw'Impunzi z'Abakongomani muri Malawi

Spread the love
5/5 - (1 vote)

Ibigo vya ONU muri Malawi bivuga ko ubwinshi bw’impunzi zihunga intambara muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo bwatumye ibifungurwa bikeha mw’ikambi ya mbere y’impunzi nini muri Malawi.

Impunzi iriko irahabwa ibigori mw’ikambi y’i Dzaleka refugee muri MalawiSangiza

Porogaramu ya ONU yita ku bifungurwa, PAM, yagabishije ko imfashanyo z’ibifungurwa bigenewe iyo kambi y’impunzi zirenga 50.000 zihera zitamaze kabiri.

Intambara muri Kongo yatumye impunzi zirushiriza kuja muri Malawi mu kiringo c’imyaka irenga mirongo ibiri. Abanyagihugu ba Kongo baharurwa mu bihumbi amacumi ni bo bakuwe mu ngo zabo kuva aho abarobeli bafatiye uduce dushasha.

Ikigo ca ONU cita ku mpunzi, HCR, co kivuga ko mu kwezi kw’icenda kwonyene, ikambi y’i Dzaleka, ku birometero 40 mu buraruko bw’umurwa mukuru, Lilongwe, yakiriye impunzi 423, nyinshi zavuye muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo.

Ku musi wa gatatu w’indwi iheze, zimwe mu mpunzi zo mw’ikambi y’i Dzaleka zarakoze imyiyerekano inyuma y’aho PAM igabanirije urugero rw’ibifungurwa kugira hafashwe n’abandi bashasha.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading