HOSPITALITE Home » Ingwano ya Ukraine: Nta ntambwe kw’ihagarikwa ry’intambara inyuma y’ibiganiro hagati ya Kiyv na Moscou

Ingwano ya Ukraine: Nta ntambwe kw’ihagarikwa ry’intambara inyuma y’ibiganiro hagati ya Kiyv na Moscou

Spread the love

Ikiringo ca mbere c’ibiganiro hagati y’abashikiranganji b’imigenderanire b’Uburusiya na Ukraine ntaco cashitseko ku bijanye no guhagarika intambara, nk’uko bivugwa na UKraine.

Lavrov w’Ubususiya (i buryo) mu biganiro na Kuleba wa Ukraine – ariko nta cashitsweko

Inyuma y’ivyo biganiro vyabereye muri Turkia, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigedneranire, Dmytro Kuleba, yavuze ko ivyasabwe na mugenziwe w’Uburusiya Sergei Lavrov ari nko gusaba ko bamanika amaboko.

Hagati aho Lavrov yavuze ko igitero ca gisirikare igihugu ciwe cagavye kiriko kiragenda uko categuwe.

Ivyo biganiro vyabaye Uburusiya bwaraye buteye ama bombe ku bitaro vy’abana, Ukraine ivuga ko ari “icaha co mu ntambara”.

Abategetsi bavuga ko abantu batatu barimwo umwana baguye muri ico gitero mu gisaga ca Mariupol kiri mu bumanuko bushira ubuseruko.

Haheze indwi zibiri Uburisiya bugavye igitero ku gihugu cose ca Ukraine, kuva ico gihe abantu miriyoni 2.3 bakaba bamaze guhunga igihugu.

Aho abantu bugarijwe n’akaga kurusha ahandi ni muri Mariupol, nk’uko Kuleba yabivuze, mu gihe abanyagihugu bagotewe mu bukonje bwinshi ata muyagankuba ata mazi.

Yavuze yamara ko Uburusiya butiyemeje kutanga inzira abantu bocamwo kandi ko butemeye ivyasabwe na Ukraine ko hoba uguhagarika intambara mu gihugu cose ku mvo z’impuhwe ku bantu.

Yavuze ati : “Nshaka nongere kuvuga ko Ukraine itamanitse amaboko, kandi ntizomanika amaboko,” yongerako ko afise ubushake bwo kubandanya ibiganiro.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire nta na kimwe yemeye aca asubiramwo ivyo Uburusiya busaba ko Ukraine ivanwamwo ibigwanisho ikemera no kuba igihugu ataho cegemiye. Yavuze ko Uburusiya burindiriye inyishu ya Kiyv.

Lavrov yagirije kandi Uburaya gukongereza ingwano mu kubandanya bahaba ibigwanisho Ukraine.

Yavuze ko Uburusiya buzorinda ibihano vya Buraya hanyuma bugasohoka iyo ngwano “bwemye kandi butekanye ku mutima kurusha ubu”.

“Ndabarahiye ko tuzobaho muri ivyo bihano kandi tugakora ibishoboka vyose kugira ntizokwigere dusubira kuzera ku banya-Buraya, mu bice vyose vy’ubuzima bwacu.”

Kwiyamiriza igitero c’ama bombe ku bitaro

Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ko ico gitero “giteye ubwoba” nazo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza Ubusiya “gukoresha bunyamaswa inguvu za gisirikare mu gutota abanyagihugu basazwe”.

Ariko mu kiganiro ciwe n’abamenyeshamakuru, Lavrov yahakanye ibivugwa ko ari icaha c’intambara muri Mariupol , avuga ko ivyo bitaro vyo kuvyariramwo vyari vyacumbitswemwo n’ingabo za Ukraine.

Igisagara ca Mariupol – kibamwo abantu bashika 400.000 – kimaze iminsi gikikujwe n’ingabo z’Ubususiya , igihe cose hageragejwe ko hoba guhagarika intabara kugira abanyagihugu basanzwe basohoke bikaba vyaranse.

“Igisagara cose nta muyagankuba, nta mazi, nta vyo kurya gifise, ico arico cose, abantu bariko baricwa n’umwumira”, nk’uko Olena Stokoz wa Croix Rouge ya Ukraine yabwiwiye itangazamakuru kuri uyu wa gatatu.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading