
Abantu barenga 440 barapfuye, ubu hakaba hakomeje ibikorwa vyo kurondeza abandi 63 n’ubu bataratorwa irengero.
Bamwe batwawe n’inzuzi zasheshe hamwe n’ivyondo vy’imisozi yahindimutse.
Reta yatangaje ko KwaZulu-Natal ari akarere kari mu kaga.
Abategetsi bavuga ko iyo myuzure ari yo ya mbere mibi ibaye muri iyo ntara.
Umushikiranganji wa mbere wa KwaZulu-Natal Sihle Zikalala yavuze ko hafi amazu 4.000 yasambutse ayandi ashika 8.000 akononekara, na cane cane mu gisagara co ku nkengera, Durban, n’imicungararo yaco.

Igiporisi n’igisirikare vyompi vyarafashije mu bikorwa vyo kurnderaza ababuzwe irengero, ibindi biziga bine bikaba vyaratowe ku wa mungu, nk’uko ibinyamakuru vyo ngaho bibivuga.
Umugore umwe w’i Durban, Amanda Acheampong, yavuze ko ibiziga bine vy’abantu bo mu muryango wiwe vyatowe hafi y’inkombe z’uruzi mu gihe abandi batandatu n’ubu bataratorwa.
“Inzu y’umubanyi niyo yatanguye gusenyuka, bica bituma iyacu nayo isenyuka abari bayirimwo bose baca batahira mu ruzi. Ibiziga bine vyatowe ku nkombe -umugore tuvukana n’abuzukuru biwe batatu. Biteye ubwoba, ” nk’uko madame Acheampong yabwiye urubuga News24 rwo muri Afrika y’Epfo.
“Turacarondeza abandi batandatu. Dufise icizere ko bashobora kuba bakiri bazima, ariko aya mango ntibisa n’uko vyoba bigishoboka”, nk’uko abandanya avuga.
Uwundi mugore, Lethiwe Sibiya, avuga ko umukobwa w’uwo bavukana n’ubu ataratorwa.
Yavuze ati: “Igihe ivyondo vyahindimuka, yaratwawe. Ntituzi iyo ari. Twarahamagaye abaporisi n’imbwa zabo, ariko gushika ubu ntibaraza”, nk’uko avuga.

Mw’itangazo, igisirikare ca Afrika y’Epfo ( South Africa Defence Force, SANDF) camenyesheje ko abasirikare baco baja gutera intege ibikorwa vyo kurondeza no gutabara, hamwe no gutwara imfashanyo ku bahuye n’ivyago.
Abasirikare b’abahinga mu bikorwa vy’amazi n’amatara nabo baja gufasha mu turere tumaze indwi yose tutagira amazi n’amatara, nk’uko kibandanya kivuga.
Hari ibice bimwe bimwe vyatandukanye n’ibindi kuko amabarabara n’ibiraryo vyacitse.
Hafi amashure 300 na bimwe mu bigo vy’ubuvuzi navyo vyarononekaye.

Zikalala yavuze ko abantu bakwiye kureka kwubaka ku nkombe z’inzuzi.
Avuga ati: “Benshi gushika ubu baracaba hejuru y’inkombe z’uruzi. Mu vy’ukuri nta nzu n’imwe yari ikwiye kuba yeremerewe kwubakwa bene aho hantu.”
Igihe yagendera akarere kahuye n’iyo myuzure ku ndwi iheze, umukuru wa Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa yavuze ko reta “ata na kimwe itazokora” kugira isanure canke isubire kwubaka ivyasambutse yongere ifashe imiryango yahuye n’akaga.

Imvura ubu yaragabanutse ariko iyaguye ku wa mbere uheze yangana na 75% y’imvura yose igwa muri rusangi mu gihugu cose ca Afrika y’Epfo mu kiringo c’umwaka.
NewLatter Application For Free