HOSPITALITE Home » Kenya: Leta yirukanye umufaransa Christian Bergeron yagirizwa kunyegeza igitoro

Kenya: Leta yirukanye umufaransa Christian Bergeron yagirizwa kunyegeza igitoro

Spread the love
Rate this post
Kuva mu ndwi nkeya ziheze, Kenya iri mu ngorane y’igitoro

Abategetsi ba Kenya bavuga ko bimye uburenganzira bwo gukorera muri ico gihugu umufaransa arongoye imwe mu makompanyi makuru makuru adandaza igitoro muri Kenya kubera ubukene bwaco.

Leta ivugwa ko yategetse ko Christian Bergeron umuyobozi nshingwabikorwa wa Rubis Energy Kenya – ishami ry’ikompanyi Rubis Group yo mu Bufaransa – yirukanwa mu gihugu.
Ku wa kabiri w’iyi ndwi, abajejwe ubugenduzi bw’igitoro baragirije bamwe mu bacuruza igitoro kukinyegeza ku masoko yo hagati mu gihugu bagashima kukirungika mu bihugu vyo hanze
Aba bagenzuzi bavuga ko aya makompanyi ashobora gufatirwa ibihano mu kugabanya urugero rw’igitoro ashora hanze mu mezi atatu ari imbere.

Amakompanyi y’igitoro muri Kenya agurisha hagati mu gihugu 65% y’igitoro yinjiza mu gihugu, igisigaye kirungikwa muri Uganda n’Urwanda, ibihugu bitagira umuhora ubishikana kw’ibahari, hamwe no muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo.
Kuva mu ndwi nkeya ziheze, Kenya iri mu ngorane ikomeye y’igitoro mu gihugu cose, aho usanga ama stations yuzuye amamodoka atonze imirongo miremire arondera igitoro.
Abategetsi ba Kenya bavuga igitoro gikwiye mu bubiko bwaco.

Bivugwa ko hari bamwe mu badandaza banyegeza igitoro kugira ngo barindire iduzwa ry’igiciro caco citezwe kuri uyu wa kane aho abagenzuzi basubiramwo ibiciro vyo mu kwezi kuri imbere.
Abahinga bavuga ko iyi ngorane ya kino gihe muri Kenya iterwa no guteba kw’indishi y’igitoro yishuzwa n’abacuruza baco.

Reta ya Kenya iratanga indishi y’igitoro kugira ngo abanyagihugu ntibadugirizweko ibiciro ku ma stations.
Ariko abadandaza igitoro bamaze igihe bidogera reta ko iteba kubaha indishi yategerezwa gutanga.
Mu ndwi iheze, reta yarashoboye kurekura amafaranga yari ibaheraniye.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading