HOSPITALITE Home » Uburusiya bwarekuye Suedi Murekezi mu guhanahana impfungwa na Ukraine

Uburusiya bwarekuye Suedi Murekezi mu guhanahana impfungwa na Ukraine

Spread the love
Rate this post

Umunyamerika yamuka mu Rwanda yari apfungiwe mu minwe y‘Uburusiya kuva mu kwa gatandatu ni umwe mu mpfungwa zahererekanywe hagati y’Uburusiya na Ukraine.

Perezida Volodymr Zelensky wa Ukraine mw’ijambo ryiwe rya nijoro yavuze ko Ukraine yahawe abasirikare 64, harimwo intwazangabo zine n’abasirikare bandi 60.

Mu butumwa yacishije kuri Twitter, umuhanuzi mukuru wa Zelensky yavuze ko muri ano masezerano harekuwemwo n’Umunyamerika, Suedi Murekezi.

Umuvugizi wa Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) yanse kwemeza aya masezerano, ariko akaba yabwiye abanyamakuru ati: “Turishimiye cane iyi nkuru”.

Umukuru w’ibiro vya gisirikare vya Ukraine, Andriy Yermak, avuga ko abasirikare barekuwe bahoze barwana muri Donetsk na Luhansk.

Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro yavuze ko Murekezi – yahoze mu ngabo za Amerika zirwanira mu kirere – yafasha abanyagihugu ba Ukraine imbere y’uko yisanga mu minwe y’Uburusiya.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya, Tass, rivuga ko Murekezi yari yafatiwe mu ntara ya Donetsk mu buseruko bwa Ukraine mu kwa gatandatu.

Yagirijwe kuja mu myiyerekano irwanya Uburusiya no gukokeza amacakubiri y’amoko.

Suedi w’imyaka 35, yabwiye ikinyamakuru ABC News ko yamaze amayinga “akorerwa iyicarubozo” mu cumba co mu kuzimu, aho yatewe umuyagankuba akanakubitwa n’abandi bapfungwa.  

Avuga ko Abarusiya bamwagirije ko yari umukozi wa CIA, ikigo ca Amerika kijejwe igendereza ryo hanze.

Uyu Munyamerika akaba n’umunyamitahe mu mafaranga nyabwonko (crypto currency) yari yimukiye muri Ukraine mu 2018, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Washington Post.

Avugwa ko yahoze aba mu ntara ya Minnesota muri Amerika akaba yamaze imyaka umunani mu gisirikare ca Amerika mu gisata kirwanira mu kirere gushika mu 2017.

Umuvugizi w’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, John Kirby, avuga ko adashobora kwemeza irekurwa rya Murekezi kubw’ibanga.

Murekezi yaramaze igihe apfunganywe n’abandi banyamerika babiri bari bagiye muri Ukraine kurwana.

Alexander John-Robert Drueke na Andy Tai Ngoc Huynh barekuwe n’Uburusiya mu kw’icenda mw’ihererekanywa ry’imfungwa hagati ya Ukraine n’Uburusiya mu masezerano yahagarikiwe na Arabia Saoudite.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading