HOSPITALITE Home » General Bunyoni ubwa mbere muri sentare inyuma y'amezi atanu afashwe

General Bunyoni ubwa mbere muri sentare inyuma y'amezi atanu afashwe

Spread the love
5/5 - (1 vote)
General Alain Guillaume Bunyoni (ifoto ya kera)

Jenereri Alain Guillaume Bunyoni kuri uyu wa kane yitavye ubwa mbere intahe ya Sentare Ntahinyuzwa inyuma y’amezi arenga atanu afashwe yagirizwa ivyaha bitandukanye.

Iyo ntahe ya mbere y’urubanza rw’uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa reta y’Uburundi yabereye imbere mw’ibohero rya Gitega apfungiwemwo kuva mu kwezi kwa Mukakaro (7) inyuma yo kwimurwa akavanwa i Ngozi. Aho niho yari yajanywe mu kwezi kwa Ruheshi (5) inyuma y’indwi zibiri yari amaze mu biro vy’igendereza kuva afashwe mu kwezi kwa Ndamukiza (4).

Amaze gufatwa umuvugizi w’urwego rw’ubucamanza, Agnes Bangiricenge, yatangaje ko Gen Bunyonizi yagirizwa ivyaha bitatu:

Ubushikirizamanza ntibwavuze ryari Bunyoni yakoze ivyo vyaha mu myaka yose yamaze ari mu bibanza vy’ubutegetsi muri reta y’Uburundi.

Jenerari Bunyoni yarengutse ari kumwe n’abandi bantu batandatu bagirizwa muri dosiye yiwe barimwo komiseri Desiré Uwamahoro na Bapfumukeko Samuel Destiné.

Abo batatu nibo bari bafise abunganizi mu mategeko, abasigaye bane ntabo bafise kandi bavuze ko ata bo bakeneye.

Intahe y’uyu munsi yari intangamarara imbere y’uko urubanza rutangura kuburamishwa mu mizi. Kuri iyo ntambwe nta vyaha abashengejwe basomerwa. Sentare yahaye ijambo impande ziburana kugira zivuge niba ataco zifise zibaza canke zifuza gusaba imbere y’uko urubanza nyezina rutangura.

Kurekurwa vy’imfatakibanza

Jenerari Bunyoni, nk’abandi banyororo bo mu Burundi, yerengutse yambaye umwambaro w’urwatsi rubisi ariko yambaye ibirato rwiwe bwite -abanyororo bahabwa ipantaro/ijipo n’ishati gusa.

Bunyoni yasavye ko yorekurwa vy’imfatakibanza avuga ko afise indwara ya diabete – yo mu bwoko bwa B – igeze kure cane.

Yavuze ko mbere ashobora no gutanga ingwati ya miriyoni 300 (300.000.000) z’amafaranga y’amarundi kugira arekurwe vy’imfatakibanza, anavuga ko amazu yiwe yafatiriwe nayo ari iyindi ngwati sentare ishobora gufata.

Umushikirizamanza we yasavye ko Bunyoni atorekurwa avuga ko yagirizwa ivyaha bikomeye cane kandi ko indwara arwaye isanzwe imenyerewe kandi ishobora kuvurirwa aho ari.

Abandi basavye kurekurwa vy’imfatakibanza ni Desiré Uwamahoro na Bapfumukeko Samuel Destiné.

Ariko nabo nyene umushikirizamanza yasavye ko icifuzo cabo sentare itogiha agaciro.

Bandi bane bo basavye gusa ko urubanza rwoshirwa mu rurimi rw’Ikirundi kuko dosiye babahaye ngo yanditse mu Gifaransa.

‘Nta karamu, nta terefone, nta marori…winjirana’

Icumba cabereyemwo intahe – gishobora gukwirwamwo abantu bari hagati ya 50 na 70 – cari gicungerewe cane.

Ku bw’umwe mu bamenyeshamakuru bari bahari, abinjira basakwa bikomeye cane kandi nta n’umwe yari arekuriwe kwinjirana ikaramu, terefone, amarori (lunettes), icuma gifotora canke ikindi icari co cose abajejwe umutekano baba bafiseko amakenga ko gishobora gufata amajwi canke amafoto.

Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero sentare ivuga ko ruzosomwa mu ”minsi iza”.

Gushika mu kwezi kwa Nyakanga mu 2022, Gen Bunyoni yari umushikiranganji wa mbere wa perezida Evariste Ndayishimiye kuva ashitse ku butegetsi muri Ruheshi (6) mu 2020.

Ico gihe perezida Ndayishimiye ntiyavuze impavu asubirije Gen Bunyoni. Ariko yahavuye afatwa mu kwezi kwa kane mu mwaka ukurikira yagirizwa ivyaha bitandukanye.

Gen Bunyoni yakuwe yari amaze imyaka 17 ari umuntu akomeye mu butegetsi bw’Uburundi kuva umugambwe CNDD FDD ubushitseko mu 2005.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading