HOSPITALITE Home » Abasirikare ba Uganda birukanywe kubera babaye abanyabwoba muri Somalia

Abasirikare ba Uganda birukanywe kubera babaye abanyabwoba muri Somalia

Spread the love
Rate this post

Sentare ya gisirikare muri Uganda yashitse ku ngingo ko intwazangabo zibiri zagirwa no kuba abanyabwoba igihe intagondwa za Islam zatera ikambi y’ingabo za Afrika muri Somalia mu kwezi kwa gatanu.

Ba majoro Zadock Abor na John Oluka barataye barahunga igihe bari batewe na al-Shabab muri Bulo Marer, mu bumanuko bw’umurwa mukuru Mogadishu.

Ico gihe abasirikare ba Uganda batari munsi ya 50 barishwe, nk’uko abategetsi bavuga.

Uganda iri mu bihugu vyarungitse ingabo muri Somalia gufasha reta y’ico gihugu kurwanya al-Shahab, umuhari ucuditse na al-Qaeda.

Ico gitero kuri Bulo Marer ni kimwe mu vyahitanye abantu benshi muri izo ngabo za Afrika, Atmis, kuva zitanguye ibitero bishasha kuri al-Shabab mu mwaka uheze.

Umukuru wa Uganda , Yoweri Museveni, yaraneguye ingene abasirikare biwe bifashe muri ico gitero.

Sentare ya gisirikare ya Uganda ishashe muri Mogadishu yabwiwe ko izo ntwazangabo zari zaronse imburi ko hari igitero cari cimirije kuba ariko ntihagira ico bakoze kugira bakiburizemwo.

Izo ngabo za Afrika bitegekanijwe ko zizova muri Somalia mu mwaka uza (ifoto yo mu bubiko)

Igihe abagwanyi ba al-Shabab batera ikambi, barananiwe no kwegeranya ingabo [ngo zirwane urugamba] ahubwo baca bahungira mu yindi kambi.

Izo ntwazangabo zompi uko ari zibiri zarirukanywe mu gisirikare.

Abasikare bane b’ibisongerezi nabo bagiriwe no kunanirwa gukingira ibikoresho vya gisirikare.

Izo ngabo za Afrika zishika 19.000 zarungitswe muri Somalia mu 2007 zarafashije kuvana al-Shabab mu bisagara bikuru bikuru.

Bitegekanijwe ko zizoshikiriza reta ya Somalia inshingano zo gucungera umutekano w’igihugu hanyuma zitahuke mu mwaka uza.

Ariko ibitero kuri al-Shabab ntibiriko biratera imbere cane, uwo mugwi ukaba ukigenzura ibice vyinshi vyo mu gihugu hagati.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading