KIRUNDISomaliya: Abagera kuri 5 Baguye mu Gitero ca Al-Shabab admin2 years ago2 years ago02 mins Spread the love Seen by: 73,550 Rate this post Ahabereye igitero c’uno munsi ku ya 27/07/2022Amabombe yaturikiye mun bisagara 2 bitandukanye mu bumanuko bwa Somaliya, yahitanye abantu batari musi ya 5 uno musis ku wa gatatu. Umuvuguzi mu vya gisirikare w’umurwi al-Shabab, Abdiasis Abu Musab, yatangaje ko uwo murwi ari wo wakoze ivyo bitero vyompi.Avuga ko muri ico gitero bishe umuyobozi w’akarere igisagara ca Marka kirimwo n’abo bari kumwe. Atangaza ako mu gisagara ca Afgoye bishe abasirikare 2 mu gitero ca bombe bahakoreye. Mu gitero ca mbere, amabombe 2 yashizwe mw’isoko y’ibitungwa mu gisagara ca Afgoye mu ntara ya Lower Shabelle yahitanye abantu 4 nk’uko bitangazwa n’igipolisi n’abanyagihugu baho.Bombe imwe yaraturitse, yamara nta bantu yishe canke ngo ikomeretse. Mu nyuma y’aho bome igira kabiri yaraturitse yica abasivile 4. Mu gitero gitandukanye bombe yaturikiye mu gisagara kirimwo ikivuko ca Marka yishe umukuru w’akarere ico gisagara kirimwo. Iradiyo Muqdisho yaho yatangaje ko uwo mutegetsi yishwe mu gitero c’abagira iterabwoba.Ahmed Farah, aba mu gisagara ca Marka yatangaje ko abajejwe umutekano bazibiye ikibanza ico gitero cabereyemwo. Umurwi al-Shabab umaze imyaka irenga 10 urondera gukuraho reta kugira ushireho amategeko afatiye kw’idini rya kiyislamu. NewLatter Application For Free First name Last name Email I'm Not specifiedWomanMan I accept the privacy policy Post navigation Previous: Amerika Irasaba Itangizwa ry'Ibiganiro by'Amahoro Muri EtiyopiyaNext: Amateka y'u Rwanda 14 : Ingoma-ngabe Rwoga
Agahinda k'ubusage bwiwe -umunyamideri wo muri Uganda yabumowe mw'ibohero admin5 months ago5 months ago 0
Burundi: Abavyeyi bariruhutsa ku bw'umugambi wo kugaburira abana ku mashure admin9 months ago5 months ago 0