HOSPITALITE Home » Ibintu bihagaze gute muri Ukraine, Putin yoba ategura kurandura Kyiv?

Ibintu bihagaze gute muri Ukraine, Putin yoba ategura kurandura Kyiv?

Spread the love

Biraboneka ko ukwihangana kwa Perezida Vladimir Putin kuriko kurarangira, Uburusiya bukaba buriko buja ku yindi ntambwe nshasha y’intambara.

Igitero ca za misire cabaye mu gisagara ca Vasylkiv catumye kiri mu bumanuko bwa Kyiv cagemye ububiko bw’igitoro bituma haduka umuriro

Ingabo zabwo zegeranije ibirwanisho vyazo rutura, ibikoho bitera ibisasu vya rokete, za ndege zitagira abadereva (drones), ibisasu vya misire, mu micungararo y’ibisagara vya Ukraine, harimwo n’umugwa mukuru Kyiv.

Kumbure kugira ngo umuntu atahure ingene Uburusiya bushobora kurwana intambara za nyuma na nyuma ku mugwa mukuru, ni uko yobanza akihweza ingene ingabo zabwo zarwanye intambara zo muri Grozny, muri Tchétchénie n’i Alep muri Syria – ibarabara ku rindi, ariko kandi zisambura ibisagara bizima.

Ubwo Putin arashobora gukora gutyo i Kyiv? Biragoye kuvuga.

Kyiv ifise kahise gakomeye – ni wo wari umugwa mukuru w’icahoze citwa Empire russe de Kiev/ Kyivan Rus Empire, imyaka myinshi cane imbere y’uko na Moscou ibaho. Mu gihe yosambura Kyiv, amakuru akamenyekana mu Burusiya, ntivyoba vyiza kuri we.

Ariko Putin ashobora gukora ikintu ico ari co cose kugira ngo ashire Ukraine mu minwe. Yopfuma abona Ukraine iruhande yiwe yabaye umunyota hakubona Ukraine yinjiye mu bihugu vyo mu Burengero, mu kwinjira mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya n’ishirahamwe OTAN ryo kwivunira umwanshi hamwe.

Hari ubwoba ko hashobora kuba igitero gikomeye cane kuri Kyiv, na rirya abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi b’Ubwongereza bavuga ko nyinshi mu ngabo z’Uburusiya muri kino gihe barundanye ku nkengera z’umugwa mukuru.

N’aho bahura n’ingabo za Ukraine zaratse igihe cose bagerageje kwinjira muri iki gisagara, hari amakenga ko Uburusiya bwoba buriko burategura ibitero bikomeye kuri co, kandi ko bashobora kukigota nk’uko bimeze no mu bindi bisagara.

Amakuru atangwa n’igendereza ry’igisirikare c’Ubwongereza avuga ko ingabo z’Uburusiya ziri ku birometero 25 uvuye ku mugwa mukuru Kyiv.

Mu gihe igisirikare c’Uburusiya kibandanya gitera amabombe ku bisagara bitari bike vya Ukraine, mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu, habaye intambara zikomeye mu micungararo y’uburaruko bushira uburengero bw’umugwa mukuru.

Mu gisagara ca Vasylkiv kiri mu bumanuko bw’umugwa mukuru Kyiv, ikibuga c’indege ca gisirikare catewe ibisasu vya misire, umukuru w’iki gisagara akavuga ko ico gitero casambuye ico kibuga congera giturira n’ububiko bw’igitoro, gituma kandi haba n’ibiturika vyateje umuriro mwinshi ku bubiko bw’amasasu. Amasanamu yerekanye umwotsi mwinshi uva kuri ico kibuga c’indege ca gisirikare.

Ikigo c’ubutabazi ca Reta ya Ukraine (SES) kivuga ko igitero co kuri uyu wa gatandatu mu micungararo ya Kyiv catumye ububiko bw’imfungurwa burimbuka

Ibi biri uku mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine wewe ahejeje gusohora iyindi reresi ku mbuga hwaniro ashikiriza ijambo igihugu.

Mw’iryo jambo Perezida Zelensky avuga ko igisirikare c’Uburusiya kimaze gutakaza vyinshi gusumba ivyo kimaze gutakaza mu myaka mirongo – aho avuga ko ama batayo 31 y’intambara amaze gusamburwa.

Asaba ko umukuru w’igisagara ca Melitopol Ivan Fedorov avugwa ko yanyurujwe n’ingabo z’Uburusiya arekurwa bidatevye.

Israel irahakana ko itariko isaba Ukraine kwemera ibisabwa n’Uburusiya

Abategetsi ba Israel barahakana amakuru yandikwa n’ibinyamakuru avuga ko Israel yasavye Ukraine “kumanika amaboko” ikemera ivyo Uburusiya bwasavye mu biganiro biheruka.

Israel yagize uruhara mu twigoro two kugerageza guhagarika intambara muri Ukraine. Ku wa gatandatu w’indwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennett yaragize urugendo i Moscou, aho yaganiriye na Perezida Putin imbona nkubone, yongera kandi aravugana na Perezida Zelensky kuri terefone.

Amakuru yandikwa n’ibinyamakuru avuga ko Bennett yagerageje gusaba Ukraine ko yokwemera ibisabwa n’Uburusiya kugira ngo intambara ihagarare.

Ariko umutegetsi umwe muri retra ya Israel yavuze ko aya makuru ari “ibinyoma vyeruye”.

Uyu mutegetsi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: “Nta na hamwe Bennett yigeze abwira Zelensky ico akwiye gukora, kandi uwo mugambi ntawo afise”.

Umwe mu bahanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu wa ukraine, Mykhaylo Podolyak, avuga ko mu vy’ukuri, “Israel ibona ko Uburusiya bukwiye kwihweza neza ibintu”.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading