HOSPITALITE Home » Uganda: Umutamakazi w’imyaka 70 yavyaye amahasa

Uganda: Umutamakazi w’imyaka 70 yavyaye amahasa

Spread the love
5/5 - (1 vote)

Umugore w’imyaka 70 yavyaye amahasa (impanga mu Kinyarwanda) hakoreshejwe ubuhinga bwo guhabwa igi ryatewe intanga, buzwi nka IVF, nk’uko bitangazwa n’abarongoye ibitaro vyo muri Uganda.

Safina Namukwaya yavyaye umuhungu n’umukobwa abanje gukorwa ku kigo gifasha mu bijanye n’irondoka ku mugwa mukuru Kampala.

Namukwaya, umwe mu bagore bakuze cane ashoboye kuvyara, yabwiye ibinyamakuru vyo muri iki gihugu ko ari “igitangaro”.

Insiguro y’isanamu,Ikigo gifasha mu bijanye n’irondoka co muri Uganda kivuga ko Safina Namukwaya abaye umugore wa mbere akuze gusumba abandi muri Afrika ashoboye kuvyara ku myaka 70

Abarongoye ibi bitaro baramukeza, bakavuga ko birengeye kwitwa “intsinzi mu bijanye n’ubuvuzi; vyerekana inguvu n’ubushobozi vy’ubwenge bw’umuntu”.

Mu 2019, Umuhindikazi w’imyaka 73 ico gihe na we yavyaye amahasa, na we nyene hakoreshejwe ubu buhinga bwa IVF.

“Ivyo twashoboye gushika ni ibintu bidasanzwe – kubona ku myaka 70 ashoboye kuba nyina w’amahasa wa mbere akuze gusumba abandi muri Afrika!” niko ikigo Women’s Hospital International and Fertility Centre (WHI&FC) canditse ku muhora waco wo ku rubuga rwa Facebook.

Kivuga ko yavyaye aya mahasa mw’ijoro ryo ku wa gatatu inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro, kikongerako kiti: “Abana na nyina wabo bose bameze neza”

Namukwaya yabwiye ikinyamakuru co muri Uganda Daily Monitor ko imbanyi yiwe yagoranye kuko umugabo wiwe yari yamutaye amaze kumenya ko yari yimirije kuvyara amasaha.

Avuga ati: “Abagabo ntibashaka kwumva ko wibungenze umwana arenze umwe. Kuva ninjiye ibitaro hano, umugabo wanje ntiyigeze anserukako”.

Rubaye uruvyaro rwa kabiri rwa Namukwaya mu myaka itatu. Mu 2020 niho yavyara umwana wa mbere w’umukobwa.

Avuga ko yari yaripfuje cane kuronka abana inyuma y’aho ashinyagurijwe ko ata bana yari afise.

Asubirwamwo avuga ati: “Nareze abana b’abandi bantu nkabona ingene bakura hanyuma bakanta jenyene. Naguma nibaza uwuzombungabunga ni namara gusaza”.

Ntibiramenyekana nimba yakoresheje igi ryatanzwe n’uwundi mugore canke nimba ari igi ryiwe bamukuyemwo akiri muto bakaribika.

Mu bisanzwe abagore baca imvyaro bageze hagati y’imyaka 45 na 55. Iki ni igihe ubushobozi bwo kuvyara bugabanuka, ariko iterambere mu bijanye n’ubuvuzi rirabatuma bashobora kuvyara.

Ubuhinga bwa In-vitro fertilisation (IVF) ni bumwe muri bwinshi busanzwe bukoreshwa. Muri ubu buhinga, igi ry’umugore rirakurwa mu turingoti hanyuma rigaterwa intanga muri laboratware (laboratoire/laboratory).

Igi ryatewe intanga, ryitwa urusoro, rica rishirwa mu gitereko c’umugore kugira rikurireyo gushika umwana avutse.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading