Headlines

UMUBABARO KU BAKUNZI BA NI NDE: Umukinyi Adrienne Nahimana yaraye ashengeye

Spread the love
Rate this post

Abatari bake bakuze bamwumva mu gikino NI NDE gica kw’iradiyo y’igihugu (RTNB), uyu na we si uwundi, ni Adrienne Nahimana (kw’ifoto ya @RTNBurundi).

Aciye ku rubuga rwa Facebbok, Pacifique Nininahazwe ati: “Twakuze tumwumva akina. Abana bacu bakuze bamwumva. Kubera kumubona kenshi wamengo ari mu miryango yacu twese. Umukinyi adasanzwe, ingabire ikomeye. Yaradutwengeje, yaraduhanuye, yaraduhaye ibihe vyiza vy’ubuzima. Ntituzibagira ingene yavuga ‘Ewe Bikira Mariya Mawe’!”
Ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter) RTNB ishikiriza igikino NI NDE iremeza urupfu rw’uno mukinyi wayo, ikavuga ko Adrienne Nahimana “yapfiriye mu bitaro vya Kibimba azize ingwara”, ariko ikaba itavuya iyo ngwara iy’ari yo. Hagati aho, hari amakuru avuga ko yoba yahitanywe n’ingwara y’igisukari bivugwa ko yari amaranye igihe.

Abatari bake babandanya berekana akababaro bafise kubona batakaje uno mukinyi wa NI NDE.

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV EN LIGNE: 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading